Abantu bamaze kugwira kw’isi bakavyara abakobwa, abana b’Imana babonye ko abo bakobwa b’abantu ari beza, maze barongora abo bihitiyemwo. UHORAHO aravuga ati: “Mpwemu wanje ntazokwama yihanganira abantu, kuko ari imibiri ipfa gusa. Kuva ubu ntibazorenza imyaka ijana na mirongo ibiri.”
Muri iyo misi, no mu misi yakurikiye, kw’isi haba ibigatanya vy’Abanefilimu. Aho ni igihe abana b’Imana begera abakobwa b’abantu bakavyarana na bo. Abo ni bo bahizi ba kera, abantu ba rurangiranwa.