Luka 7
7
Ukwizera kw’umusoda w’Umuroma
1Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu. 2Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari agwaye, ari hafi yo gupfa. 3Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe. 4Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: “Uwu muntu birakwiye ko umufasha, 5kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi.” 6Yesu aca ajana na bo.
Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: “Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje. 7Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira. 8Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti ‘Kora iki,’ aca agikora.”
9Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: “Ndababwire ukuri, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku no muri Isirayeli.” 10Maze bamwe bari batumwe baragaruka, basanga wa mukozi yakize.
Yesu asubiza ubuzima uwapfuye
11Inyuma y’ivyo Yesu aca amanuka mu gisagara citwa Nayini, ari kumwe n’abigishwa hamwe n’isinzi ry’abantu bamukurikiye. 12Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje. 13Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”
14Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!” 15Wa muhungu yari yapfuye aravyuka, atangura kuvuga, Yesu aca amusubiza nyina.
16Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.” 17Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho.
Yesu na Yohana Umubatizi
18Maze abigishwa ba Yohana Umubatizi baragenda bamubwira ivyo Yesu ariko arakora vyose. Aca ahamagara babiri muri bo, 19abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Mbega ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”
20Bashikiriye Yesu bamubwira bati: “Yohana Umubatizi adutumye ngo tukubaze: ‘Woba uri umwe yategerezwa kuza, canke turindire uwundi?’ ”
21Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi. 22Maze abarira ba bigishwa ati: “Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: abahumye barahumuka, abamugaye baragenda, abanyamibembe barahumanuka, abatumva barumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza. 23Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje.”
24Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga? 25Nimba atari uko, mwari mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Si vyo, kuko abambara impuzu z’igiciro kinini, n’abiyamira mu bikayangana baba mu ngoro z’abami. 26None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Ego cane, mbere ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana. 27Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo:
‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe,
igutegurire inzira.’ # 7:27
Malaki 3:1
28 Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wuruta Yohana; ariko umuntu mutoya musi y’abandi mu Bwami bw’Imana arahambaye kumuruta.”
29Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana. 30Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo baranse umugambi w’Imana kuri bo, kuko banse ko Yohana ababatiza.
31Yesu yongera kubabwira ati: “Mbega ab’uru runganwe nobagereranya n’iki? Bameze gute? 32Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati:
‘Twabavugirije umwironge,
ariko ntimwatamvye;
hanyuma tubaririmbira indirimbo z’ikigandaro,
ntimwarira.’
33 Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muca muvuga ngo: ‘Arimwo dayimoni.’ 34Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga ngo: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ 35Ariko icerekana ubwenge bw’Imana ni ubuzima bw’ababwakiriye.”
Yesu asigwa amavuta n’umugore w’umunyavyaha
36Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza. 37Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini, 38apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.
39Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, n’ubuzima bw’uwo mugore, ko ari umunyavyaha.”
40Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.”
Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!”
41Yesu aca amucira umugani ati: “Habaye muntu yaguranye idenariyo abantu babiri. Umwe amuha amajana atanu, uwundi mirongo itanu. 42Abonye ata n’umwe muri abo ashoboye kumwishura, aca azibahebera bompi. None ni nde muri abo babiri azomukunda cane?”
43Simoni na we arishura ati: “Nibaza ko ari uwo yahebewe menshi.”
Yesu aca amubwira ati: “Wishuye neza.”
44Aca arahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza umushatsi wiwe. 45Ntiwangumbiriye mu kundamutsa, ariko kuva ninjira ntahengeshanya kunsomagura ku birenge. 46Ntiwansize amavuta ku mutwe, ariko we yansize amavuta amota cane ku birenge. 47Ni co gituma, nanje ndakubwiye ko, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”
48Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ivyaha vyawe urabihariwe.”
49Abandi batumire baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni nde, aho yubahuka kuvuga ko aharira abantu ivyaha?”
50Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ukwizera kwawe gutumye uronka agakiza, igire amahoro.”
اکنون انتخاب شده:
Luka 7: BKC
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
مقایسه
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.