Luka 8
8
Umugani w’umubivyi
1Hanyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we, 2hamwe n’abagore yabohoye baboshwe n’impwemu mbi, akabakiza n’izindi ngwara, ari bo Mariya Magadalena yirukanywemwo abadayimoni indwi, 3Yowana muka Kuza; umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo.
4Umusi umwe, abantu benshi bari bakoranye bavuye mu bisagara bitandukanye, maze Yesu abacira uwu mugani ati: 5“Habaye umurimyi yagiye kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, maze abantu barazihonyanga, kandi inyoni zo mu kirere ziraza zirazinobagura. 6Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye. 7Izindi na zo zigwa mu mahwa; zimeze zikurana na yo, aca arazinyoha. 8Ariko hariho n’izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.”
Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yumva, niyumve.”
9Abigishwa biwe baca bamubaza insiguro y’uwo mugani. 10Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo,
‘naho baraba ntibabone,
kandi naho bumviriza ntibatahure.’ # 8:10
Yesaya 6:9
11 Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana. 12Imbuto zaguye aho abantu baca, ni abantu bumva Ijambo ry’Imana, ariko Satani agaca aza akarikura mu mitima yabo kugira ngo ntibizere, maze ngo bakizwe. 13Imbuto zaguye ku rutare: ni abantu bakirana umunezero, ijambo ry’Imana, ariko kubera batarireka ngo rishinge imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera. 14Imbuto zaguye mu mahwa: ni abantu bamaze kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si bica biza bikanyoha iryo jambo ryatewe muri bo, hanyuma mu buzima bwabo ntibigere bakura, ngo bame imbuto nziza. 15Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ni abantu bamaze kwumva ijambo ry’Imana, baryakirana umutima mwiza kandi ukunze, maze bakarigumya; hanyuma kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.
Umugani w’itara
16 Nta wudomeka itara hanyuma ngo aryubikeko igiseke canke ngo arinyegeze musi y’uburiri. Ahubwo aritereka ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu. 17Kuko ata canyegejwe kitazoshirwa ahabona, kandi ata cagizwe ibanga kitazomenyekana. 18Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise azokwongererezwa, uwudafise na we azokwakwa n’ivyo yari afise.”
Nyina wa Yesu na bene nyina
19Nyina wa Yesu na bene nyina baje kumuraba babura aho baca ngo bamushikire kuko hari abantu benshi cane. 20Umuntu umwe aca amubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bariko barakurondera.”
21Yesu amwishura ati: “Mama na bene mama ni abo bumva ijambo ry’Imana bakaryumvira.”
Yesu ahagarika imipfunda
22Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo. 23Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.
24Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: “Mwigisha, mwigisha, turapfuye!”
Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere! 25Yesu aca abaza ba bigishwa ati: “Ukwizera kwanyu kuri he?”
Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!”
Yesu akiza umugabo yaboshwe n’abadayimoni
26Nuko barasoza bashika mu ntara ya Gerasene, hakurya y’ikiyaga harabana n’i Galilaya. 27Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye. 28Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntunkubagure imibabaro!” 29Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’amaguru yiwe bakayashira mu vyuma kugira ngo agume hamwe, yarabicagagura, iyo mpwemu mbi igaca imutwara kuyerera mu gahinga.
30Yesu arayibaza ati: “Witwa nde?”
Na yo iramwishura iti: “Nitwa Gitero,” kuko yarimwo abadayimoni benshi. 31Abo badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.
32Hafi y’aho hari umukuku w’ingurube nyinshi zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo abarungike muri izo ngurube, maze arabemerera. 33Nuko ba badayimoni bava muri wa muntu, binjira muri za ngurube, na zo ziriruka zimanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.
34Abari baragiye izo ngurube babibonye baca bariruka, baja kubivuga mu gisagara no mu mihana. 35Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona uwo muntu yavuyemwo abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba. 36Ababonye uko vyagenze baca babiganira ingene uwo muntu yari aboshwe n’abadayimoni yakize. 37Nuko abantu bose bo mu ntara y’Abagerasene binginga Yesu ngo abavireho, kuko bari bagize ubwoba bwinshi. Yesu aca yurira ubwato arigira.
38Wa mugabo yakize abadayimoni yinginga Yesu ngo bajane, ariko Yesu aramurungika, amubwira ati: 39“Subira i muhira ubarire abantu ivyo Imana yagukoreye.” Wa muntu aca arataha aca hose mu gisagara, agenda arabwira abantu ivyo Yesu yamukoreye.
Umukobwa yari yapfuye n’umugore yari agwaye
40Yesu asubiye inyuma asanganirwa n’abantu benshi cane bari bamurindiriye. 41Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe, 42kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise ari umwe kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri.
Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu benshi bamugunda. 43Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, vyaranse ko akira. 44Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera.
45Yesu na we aca arabaza ati: “Ni nde ankozeko?”
Bose babihakanye, Petero amubwira ati: “Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda.”
46Yesu aravuga ati: “Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo.”
47Wa mugore abonye ko ico yakoze camenyekanye, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene. 48Yesu aca aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro.”
49Akiriko aravuga, haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, amubwira ati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha.”
50Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira.”
51Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana. 52Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: “Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.”
53Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye. 54Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: “Mwana wanje, vyuka!” 55Ubwo nyene impwemu yiwe imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire. 56Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.
اکنون انتخاب شده:
Luka 8: BKC
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
مقایسه
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.