Luka 6
6
Yesu ni Umwami w’Isabato
1Umusi umwe, Yesu yaciye mu mirima y’ingano, kandi hari kw’Isabato. Abigishwa biwe baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete, barazirya. 2Bamwe mu Bafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki mukora ikizira ku musi w’Isabato?”
3Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje? 4Yinjiye mu nzu y’Imana, afata imikate yashikaniwe Imana arayirya, yongera ahako n’abari kumwe na we; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya.” 5Yongera arababwira ati: “Umwana w’Umuntu ni Umwami w’Isabato.”
6Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo. 7Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato. 8Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!” Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.
9Maze Yesu arababaza ati: “Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?”
10Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe!” Akugoroye, guca kurakira. 11Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”
Yesu atoranya intumwa
12Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana. 13Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:
14Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya,
Yakobo,
Yohana,
Filipo,
Baruteremi,
15Matayo,
Toma,
Yakobo mwene Alufayo,
Simoni Umuzelote,
16Yuda mwene Yakobo,
na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha.
Yesu yerekana abahiriwe abo ari bo
17Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga abigishwa biwe benshi, hamwe n’abandi bantu isinzi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga, 18bazanywe no kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. Nuko abari baboshwe n’impwemu mbi barakira, 19kandi abantu bose bagerageza kumukorako, kuko ububasha bwo gukiza ingwara bwamuvamwo bugakiza abantu bose.
20Nuko Yesu yitegereza abigishwa biwe, aravuga ati:
“Murahiriwe mwebwe mwumva ko mukenye,
kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu.
21 Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe,
kuko muzohazwa.
Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe,
kuko muzotwenga.
22 Muzoba muhiriwe abantu nibabanka,
bakabakumira, bakabatuka,
bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi,
babahora Umwana w’Umuntu.
23 Ico gihe muze munezerwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Kandi mwibuke ko ba sekuruza babo ari ko bagiriye abavugishwa n’Imana ba kera.
24 Ariko muragowe mwebwe abatunzi,
kuko mumaze kuronka umunezero wanyu.
25 Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe,
kuko muzosonza.
Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe,
kuko muzobabara muboroge.
26 Muragowe mwebwe mushimagizwa na bose,
kuko uko ari ko ba sekuruza babo bashimagiza abavugishwa b’ibinyoma.
Mukunde abansi banyu
27 Ariko ndababwire mwebwe munyumva: mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka. 28Muhezagire ababavuma, musengere ababagirira nabi. 29Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara ikoti, umuhebere n’ishati na yo. 30Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere. 31Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
32 Nimwakunda ababakunda gusa, muzoba murushije iki abandi? Kuko n’abanyavyaha bakunda ababakunda. 33Kandi nimwagirira neza ababagirira neza gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibabigenza batyo? 34Nimwagurana abo mwizeye ko bazobasubiza bonyene, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibagurana abo bizeye ko bazobasubiza yose? 35Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi. 36Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyempuhwe.
Ntimugacire imanza abandi
37 Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa. 38Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Kuko ingero mugereramwo abandi ari yo namwe muzogererwamwo.”
39Yesu abacira n’uwu mugani ati: “Mbega impumyi yorongora iyindi? Zose ntizohava zigwa mu kinogo? 40Umwigishwa ntaruta umwigisha, ariko umwigishwa yigishijwe neza amera nk’umwigisha wiwe.
41 Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? 42Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.
Igiti n’ivyamwa vyaco
43 Nta giti ciza cama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cama ivyamwa vyiza. 44Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, nk’uko ata wokwamura insukoni ku mitobotobo. 45Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
Kwubaka ku rutare
46 Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira? 47Umuntu wese aza aho ndi akumva amajambo yanje hanyuma akayashira mu ngiro, ngira ndabereke uko ameze: 48ameze nk’umwubatsi yimvye cane akubaka umushinge w’inzu yiwe ku rutare. Iyo hateye umwuzure, inzuzi zigasuriranya, iyo nzu ntishobora kunyiganyiga kuko yubatse neza. 49Ariko uwumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro, ameze nk’uwubaka inzu kw’isi ahatagira umushinge. Iyo inzuzi zisuriranije kuri ya nzu, irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”
اکنون انتخاب شده:
Luka 6: BKC
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
مقایسه
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.