Luka 5

5
Yesu ahamagara abigishwa ba mbere
1Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana. 2Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo. 3Nuko yurira bumwe muri bwo; kandi bwari ubwa Simoni, aca amusaba ngo abwigize gatoya mu mazi. Maze, aca abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.
4Ahejeje kwigisha, aca abarira Simoni ati: “Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe.”
5Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”
6Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika n’aho insenga zitangura gutabuka. 7Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.
8Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!” 9Ivyo Petero yabivuze kubera we na bagenziwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bahejeje kuroba. 10Abo bagenziwe, yari Yakobo na Yohana bene Zebedayo.
Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.” 11Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.
Yesu akiza umunyamibembe
12Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubamye, aramwinginga ati: “Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura.”
13Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Amubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.
14Maze Yesu aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”
15Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. 16Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.
Yesu akiza umuntu akongataye
17Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu. 18Nuko haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu akongataye, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu. 19Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha iyo nderuzo aryamyeko, bayururukiriza hagati mu bantu, imbere ya Yesu.
20Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe.”
21Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde aza gutuka Imana? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?”
22Yesu aca amenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? 23Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’? 24Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Aca ategeka wa muntu akongataye ati: “Haguruka, ikorere inderuzo yawe witahire.” 25Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ico yari aryamyeko, ataha ahimbaza Imana. 26Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”
Yesu ahamagara Lewi
27Inyuma y’ivyo, Yesu ariko arava muri ico gisagara, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” 28Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
29Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo. 30Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu babidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”
31Yesu arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. 32Sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha, kugira ngo bihane.”
Ibijanye no kwisonzesha
33Baca baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana, co kimwe n’ab’Abafarisayo bisonzesha kenshi bakongera bagasenga, ariko abawe bakaguma birira kandi binywera nk’uko bisanzwe?”
34Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka! 35Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.”
36Aca abacira uwu mugani ati: “Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo mpuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire. 37Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje. Abigize uko, uwo mukuza womeneka, umuvinyu ugaseseka. 38Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha. 39Kandi nta muntu anywa umuvinyu wa kera ngo aheze yipfuze kunywa mushasha, kuko avuga ngo: ‘Umuvinyu wa kera ni wo uryoshe kuruta mushasha.’ ”

اکنون انتخاب شده:

Luka 5: BKC

های‌لایت

به اشتراک گذاشتن

مقایسه

کپی

None

می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید