Itanguriro 36
36
Uruvyaro rwo Esawu
1Uri ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Esawu, ari we Edomu:
2Esawu yarongoye abakobwa bo mu gihugu c’i Kanani: Ada umukobwa wa Eloni, Umuheti na Oholibama, umukobwa wa Ana, akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni Umuhiwi, 3hamwe na Basemati, umukobwa wa Ishimayeli, mushiki wa Nebayoti.
4Ada yavyaranye na Esawu Elifazi, Basemati bavyarana Reyuweli, 5Oholibama na we bavyarana Yewushi, Yalamu na Kora. Abo ni bo bahungu Esawu yavyariye i Kanani.
6Nuko Esawu afata abagore biwe, abahungu n’abakobwa biwe hamwe n’abo yari atunze mu rugo rwiwe, n’imikuku yiwe n’ibindi bikoko yari atunze; n’ivyo yari yararonkeye i Kanani; aragenda aja mu gihugu ca Seyiri, kure ya mwene nyina Yakobo. 7Ivyo bari batunze vyari vyinshi cane ku buryo bitakunda ko bagumana; igihugu bari bagerereyemwo nticari kubakwira kuko bari bafise umikuku n’amasho vyinshi. 8Nuko Esawu, ari we Edomu, aja kuba mu misozi ya Seyiri.
9Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Esawu, sekuruza w’Abanyedomu mu misozi ya Seyiri.
10Aya ni yo mazina y’abahungu ba Esawu:
Elifazi uwo Esawu yavyaranye na Ada, na Reyuweli uwo yavyaranye na Basemati.
11Abakomotse kuri Elifazi ni
Temani, Omari, Zefo, Gatamu na Kenazi. 12Elifazi umuhungu wa Esawu yari afise uwundi mugore wa kabiri yitwa Timuna, uwo na we bavyaranye Amaleki. Abo ni bo bakomotse kuri Ada, umugore wa Esawu.
13Bene Reyuweli, ni
Nahati, Zera, Shama na Miza. Abo ni bo buzukuru ba Esawu ku mugore wiwe Basemati.
14Abahungu Esawu yavyaranye na Oholibama, umukobwa wa Ana, akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni, ni
Yewushi, Yalamu na Kora.
15Aba ni bo bakuru b’imiryango mu ruvyaro rwa Esawu:
Mu bavyawe na Elifazi imfura ya Esawu, abakuru b’imiryango bari:
Temani, Omari, Zefo, Kenazi, 16Kora, Gatamu na Amaleki. Abo ni bo bakuru b’imiryango bakomotse kuri Elifazi muri Edomu, bakaba bari abuzukuru ba Ada.
17Mu bavyawe na Reyuweli umuhungu wa Esawu, abakuru b’imiryango bari:
Nahati, Zera, Shama na Miza. Abo ni bo bakuru b’imiryango bakomotse kuri Reyuweli muri Edomu; bakaba bari abuzukuru ba Basemati, umugore wa Esawu.
18Mu bahungu Esawu yavyaranye na Oholibama, abakuru b’imiryango bari:
Yewushi, Yalamu na Kora. Abo ni bo bakuru b’imiryango bakomotse ku mugore wa Esawu Oholibama, akaba n’umukobwa wa Ana.
19Urwo ni rwo ruvyaro rwa Esawu, ari we Edomu, kandi abo ni bo bakuru b’imiryango yabo.
Uruvyaro rwa Seyiri
20Aba ni bo bene Seyiri Umuhori, baba muri ico gihugu:
Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, 21Dishoni, Ezeri na Dishani. Abo ni abahungu ba Seyiri muri Edomu babaye abakuru b’imiryango y’Abahori.
22Bene Lotani bari
Hori na Homamu. Lotani yari afise mushikiwe yitwa Timuna.
23Bene Shobali, ni
Alivani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu.
24Bene Zibeyoni, ni
Ayiya na Ana. Uwu Ana ni we yatoye isoko ry’amazi ashushe mu bugaragwa igihe yari aragiye indogoba za se Zibeyoni.
25Bene Ana, ni
Dishoni na Oholibama, umukobwa wiwe.
26Abahungu ba Dishani, ni
Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani.
27Bene Ezeri, ni
Bilihani, Zayavani na Akani.
28Bene Dishani, ni
Uzi na Arani.
29Abakuru b’imiryango y’Abahori bari aba bakurikira:
Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, 30Dishoni, Ezeri na Dishani.
Abo ni bo bakuru b’imiryango y’Abahori, ukurikije imiryango yabo, mu gihugu ca Seyiri.
Abakuru b’imiryango ya Edomu
31Uru ni rwo rukurikirane rw’abami batwaye mu gihugu ca Edomu, imbere y’uko Isirayeli yimika umwami n’umwe:
32Bela mwene Beyori yabaye umwami wa Edomu, igisagara ciwe citwa Dinihaba.
33Bela apfuye, asubirirwa ku ngoma na Yobabu mwene Zera yava i Bozira.
34Yobabu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hushamu yava mu gihugu c’Abatemani.
35Hushamu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi mwene Bedadi, ari we yanesheje Abamidiyani mu gihugu ca Mowabu. Igisagara ciwe citwa Aviti.
36Hadadi apfuye, asubirirwa ku ngoma na Samula yava i Masireka.
37Samula apfuye, asubirirwa ku ngoma na Shawuli yava i Rehoboti hafi y’uruzi#36:37 Bishoboka ko ari uruzi Efurate.
38Shawuli apfuye, asubirirwa ku ngoma na Bayali-Hanani mwene Akibori.
39Bayali-Hanani mwene Akibori apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe yitwa Mehetabeli, umukobwa wa Materedi, akaba n’umwuzukuru wa Mezahabu.
40Aya ni yo mazina y’abakuru b’imiryango yakomotse kuri Esawu, ufatiye ku turere babayemwo tukanabitirirwa:
Timuna, Aluva, Yeteti,
41Oholibama, Ela, Pinoni,
42Kenazi, Temani, Mibuzari,
43Magidiyeli na Iramu.
Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ya Edomu, ufatiye ku turere babayemwo muri ico gihugu.
Urwo ni rwo ruvyaro rwa Esawu, sekuruza w’Abanyedomu.
اکنون انتخاب شده:
Itanguriro 36: BKC
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
مقایسه
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.