Itanguriro 37

37
Indoto za Yosefu
1Nuko Yakobo aba i Kanani, igihugu se yabayemwo nk’umunyamahanga.
2Iyi ni yo nkuru y’umuryango wa Yakobo.
Yosefu amaze imyaka icumi n’indwi, yaciye atangura kuja kuragira ibitungwa na bene se, abahungu ba Biluha na Zilupa, abagore b’ihari ba se, maze akama abwira se ibibi bakora.
3Isirayeli yarakunda Yosefu kuruta abandi bahungu biwe bose kuko yamuvyaye ageze mu zabukuru; kandi yari yaramukoreye ikanzu ndende y’amabara menshi. 4Bene se babonye ko se amukunda kuruta uko abakunda, baca baramwanka ku buryo batashobora kumuvugisha n’umutima mwiza.
5Ijoro rimwe Yosefu ararota, ariko abwiye bene se ivyo yarose, baca barushiriza kumwanka. 6Yababwiye ati: “Umviriza indoto nagize. 7Twari mu mirima turiko turatekera imikama y’ingano, nja mbona umuganda wanje urahagurutse, maze imiganda yanyu ica irawukikuza, yunama imbere yawo.”
8Bene se baramubwira bati: “Ushatse kuvuga ko uzoba umwami wacu canke ko uzotubera umutware?” Nuko indoto ziwe n’amajambo yavuga bituma barushiriza kumwanka.
9Mu nyuma Yosefu yongera kurota, aca abwira bene se ivyo yarose, ati: “Nimunyumvirize, nasubiye kurota. Nabonye izuba, ukwezi n’inyenyeri icumi n’imwe vyunama imbere yanje.”
10Iyo ndoto yongera ayibwira na se, na we aramukankamira ati: “Iyo ndoto ni bwoko ki? Wibaza ko nyoko, jewe n’abo muvukana tuzoza tukunama tugashika hasi imbere yawe?” 11Ariko naho bene se bamugirira inzigo, se we yagumye avyiyumvirako.
Yosefu agurishwa na benewabo
12Igihe kimwe, bakuru ba Yosefu bari bagiye i Shekemu kuragira imikuku ya se. 13Umusi umwe, Isirayeli abwira Yosefu ati: “Bakuru bawe baragiye imikuku i Shekemu. Ingo uje kubaraba.”
Yosefu arishura ati: “Nditeguye kugenda, data.”
14Se aramubwira ati: “Genda urabe ko bakuru bawe bakomeye, n’uko imikuku imerewe, hanyuma uheze ugaruke umbwire.” Nuko amurungikira mu kiyaya ca Heburoni.
Yosefu ashitse i Shekemu, 15haza umuntu amusanga ayerera mu gahinga, uwo muntu aramubaza ati: “Urondera iki?”
16Yosefu aramwishura ati: “Ndondera bakuru banje. Woba uzi aho baragiye imikuku?”
17Wa muntu aramwishura ati: “Egome, bahoze hano ariko barahavuye. Numvise bavuga ko bagiye i Dotani.”
Nuko Yosefu akurikira bene se abasanga i Dotani. 18Bene se bamubonye akiri kure, baramumenya. Atarabashikira, bagira inama yo kumwica.
19Baravugana bati: “Karosi araje! 20Nimuze tumwice, duterere ikiziga ciwe mu kinogo. Maze tuzovuga ko igikoko camuriye, duheze turabe ico indoto ziwe zivamwo!”
21Reyubeni yumvise iyo nama, agerageza gutabara Yosefu. Aravuga ati: “Ntimumwice. 22Ntimusese amaraso. Ahubwo muterere muri iki kinogo, ariko amaboko yacu ntamukoreko.” Reyubeni yashaka kuraba ingene yotabara Yosefu, akamusubiza kwa se.
23Yosefu ashitse aho bene se bari, baca baramufata bamwambura ya kanzu ndende y’amabara menshi yari yambaye, 24bamuterera muri ca kinogo. Ico gihe nta mazi yari muri ico kinogo.
25Hanyuma baca baricara ngo barye. Bunamuye amaso, babona umugwi w’Abishimayeli bari bavuye i Gileyadi baja muri Egiputa. Ingamiya zabo zari zikoreye ibimota neza vyitwa guma, balimu na mira.
26Yuda abwira bene se ati: “Mbega vyotumarira iki kwica umuvukanyi, tugahisha ko twamwishe? 27Hako tumugirira nabi, reka tumugurishe kuri barya Bishimayeli. Erega ni umuvukanyi, asangiye amaraso natwe.” Nuko abo bavukana baremera.
28Ba badandaza b’Abamidiyani bahashitse, bakuru ba Yosefu bamukura muri ca kinogo, bamugurisha kuri abo Bishimayeli shekeli mirongo ibiri#37:28 Ni nk’amagarama 230. z’ifeza, na bo bamujana muri Egiputa.
29Reyubeni agarutse kuri ca kinogo, asanga Yosefu si yo akiri. Yitaburirako impuzu ababaye, 30agaruka aho bene se bari aravuga ati: “Wa mwana si yo akiri, none ndabigenza gute?”
31Nuko bafata impene barayibaga, bashira ya kanzu ya Yosefu mu maraso. 32Maze bafata ya kanzu ndende y’amabara menshi bayishira se, baramubwira bati: “Ehe ico twatoye! Raba ko yoba ari ya kanzu y’umwana wawe.”
33Maze se aca arayimenya ubwo nyene, aravuga ati: “Ni ikanzu y’umwana wanje! Igikoko caramuriye; Yosefu yaratabaguwe n’igikoko.”
34Nuko Yakobo yitaburirako impuzu, yambara impuzu zo kugandara, amara igihe kirekire agandariye umuhungu wiwe. 35Abahungu biwe n’abakobwa biwe bagerageza kumuhoza, ariko arabankira, avuga ati: “Nzorinda mpfa nkigandariye umwana wanje.” Nuko abandanya aririra Yosefu, umwana wiwe.
36Ba Bamidiyani bagurisha Yosefu muri Egiputa kuri Potifari, umwe mu basoda bakuru ba Farawo, umwami wa Egiputa. Potifari ni we yatwara abasoda barinda ikirimba c’umwami.

اکنون انتخاب شده:

Itanguriro 37: BKC

های‌لایت

به اشتراک گذاشتن

مقایسه

کپی

None

می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید