Itanguriro 35
35
Yakobo asubira i Beteli
1Imana ibwira Yakobo iti: “Va hasi uje i Beteli abe ari ho uba. Uze uhubakire igicaniro ya Mana yakwiyereka igihe wariko urahunga mwene nyoko Esawu.”
2Nuko Yakobo abwira umuryango wiwe n’abari kumwe na we bose ati: “Nimukure ibigirwamana vy’abanyamahanga hagati muri mwebwe mwihumanure kandi mwambare impuzu nshasha. 3Tugiye kuva hano tuje i Beteli, aho nzokwubakira igicaniro ya Mana yishura ugusenga kwanje igihe nari mu makuba, ikagumana nanje aho nagiye hose.” 4Nuko bazanira Yakobo ibigirwamana vy’abanyamahanga bari bafise vyose n’ivyo bari bambaye ku matwi, maze abihamba musi y’igiti kinini cari hafi y’i Shekemu. 5Yakobo n’abahungu biwe bavuye aho hantu, ubwoba butewe n’Imana bufata abantu bo mu bisagara vyari bihakikije. Nta muntu n’umwe yubahutse kubakurikirana.
6Nuko Yakobo n’abari kumwe na we bose bashika i Luzi, ari ho Beteli, mu gihugu c’i Kanani, 7aca ahubaka igicaniro maze ahita Eli Beteli, bisigura “Imana y’i Beteli”, kuko ari ho Imana yari yaramwiyerekeye igihe yariko arahunga mwene nyina Esawu.
8Hanyuma Debora, umurezi wa Rebeka, arapfa, ahambwa musi y’igiti kinini hafi ya Beteli. Maze ico giti bacita Aloni Bakuti, bisigura “igiti c’amarira”.
9Inyuma yo kuva i Padani-Aramu, Imana yongera kwiyereka Yakobo iramuhezagira. 10Imana iramubwira iti: “Izina ryawe ni Yakobo, ariko kuva ubu ugiye kwitwa Isirayeli.” Nuko Imana imwita Isirayeli.
11Imana yongera iramubwira iti: “Ndi Imana Mushoboravyose. Rondoka ugwire. Uzohinduka ihanga rinini, mbere amahanga menshi azokomoka kuri wewe, kandi abami bazova mu nda yawe. 12Nzoguha igihugu nahaye Aburahamu na Isaka; nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe.” 13Hanyuma Imana iva aho hantu yari iriko iravuganira na we.
14Nuko Yakobo ashinga ibuye mu kibanza Imana yavuganiyemwo na we, arisukako umuvinyu, nk’ishikanwa ashikaniye Imana, arisukako n’amavuta. 15Maze aho hantu Imana yavuganiye na we, Yakobo ahita Beteli, bisigura “inzu y’Imana”.
Urupfu rwa Rasheli na Isaka
16Nuko bava i Beteli bagenda bagana ahitwa Efurata. Bakiri mu nzira, Rasheli afatwa n’inda kandi agira ububabare bwinshi cane. 17Muri ubwo bubabare bwo kuvyara, umwakirizi aramubwira ati: “Ntutinye, usubiriye kuvyara umuhungu.” 18Ariko Rasheli yariko arapfa. Imbere yo gucikana amwita Beni-Oni, bisigura “umuhungu wo mu mubabaro wanje”. Ariko se amwita Benyamini, bisigura “umuhungu w’ukuryo kwanje”.
19Rasheli apfuye, bamuhamba hafi y’inzira ija muri Efurata, ari ho i Betelehemu. 20Nuko Yakobo ashinga ibuye ry’icibutso ku mva ya Rasheli, kandi riracahari gushika n’uno musi.
21Isirayeli aca arunguruza ashinga amahema hakurya y’ahitwa Migidali Ederi. 22Isirayeli akiri muri ico gihugu, Reyubeni asambana na Biluha, umwe mu ncoreke Yakobo yari yavyayeko, kandi Yakobo arabimenya.
Abahungu ba Yakobo bari icumi na babiri:
23Abahungu ba Leya, bari
Reyubeni, imfura ya Yakobo,
Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari na Zebuloni.
24Abahungu ba Rasheli, bari
Yosefu na Benyamini.
25Abahungu ba Biluha, incoreke ya Rasheli, bari
Dani na Nafutali.
26Abahungu ba Zilupa, incoreke ya Leya, bari
Gadi na Asheri.
Abo ni bo bahungu ba Yakobo, abo yavyariye i Padani-Aramu.
27Nuko Yakobo agaruka mu rugo kwa se Isaka i Mamure, hafi y’i Kiriyati-Araba, ari ho hitwa Heburoni, aho Aburahamu na Isaka babaye. 28Isaka yamaze imyaka ijana na mirongo umunani, 29maze apfa ageze mu zabukuru, ahamvya ba sekuruza. Abahungu biwe Esawu na Yakobo baramuhamba.
اکنون انتخاب شده:
Itanguriro 35: BKC
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
مقایسه
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.