1
Matayo 26:41
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”
مقایسه
Matayo 26:41 را جستجو کنید
2
Matayo 26:38
Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”
Matayo 26:38 را جستجو کنید
3
Matayo 26:39
Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
Matayo 26:39 را جستجو کنید
4
Matayo 26:28
Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.
Matayo 26:28 را جستجو کنید
5
Matayo 26:26
Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje.”
Matayo 26:26 را جستجو کنید
6
Matayo 26:27
Yongera afata igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati: “Nimwakire munyweko mwese.
Matayo 26:27 را جستجو کنید
7
Matayo 26:40
Hanyuma agaruka aho abigishwa biwe bari asanga basinziriye. Abaza Petero ati: “Ntimushobora kubana maso nanje n’isaha n’imwe?
Matayo 26:40 را جستجو کنید
8
Matayo 26:29
Ndababwire, sinzosubira kunywa kuri uwu muvinyu w’imizabibu guhera ubu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwusangirira namwe ari mushasha mu Bwami bwa Data.”
Matayo 26:29 را جستجو کنید
9
Matayo 26:75
Petero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane.
Matayo 26:75 را جستجو کنید
10
Matayo 26:46
Nimuvyuke tugende. Nguwo uwangurishije arashitse!”
Matayo 26:46 را جستجو کنید
11
Matayo 26:52
Yesu aca amubwira ati: “Subiza inkota yawe mu rwubati! Kuko abicisha inkota bose, bazokwicishwa inkota.
Matayo 26:52 را جستجو کنید
خانه
كتاب مقدس
برنامههای مطالعه
ویدیوها