1
Matayo 27:46
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”).
مقایسه
Matayo 27:46 را جستجو کنید
2
Matayo 27:51-52
Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya Ahera n’Ahera Cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika, imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka.
Matayo 27:51-52 را جستجو کنید
3
Matayo 27:50
Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana.
Matayo 27:50 را جستجو کنید
4
Matayo 27:54
Intwazangabo y’Umuroma n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
Matayo 27:54 را جستجو کنید
5
Matayo 27:45
Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.
Matayo 27:45 را جستجو کنید
6
Matayo 27:22-23
Hanyuma Pilato arababaza ati: “Yesu bita Kristo wewe ndamugire nte?” Bose bishurira rimwe bati: “Nabambwe!” Ariko Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ariko barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
Matayo 27:22-23 را جستجو کنید
خانه
كتاب مقدس
برنامههای مطالعه
ویدیوها