Roma 7
7
Kubohoka ku vyagezwe
1Mbega bene Data, ko mwebwe muzi ivy’amategeko, ntimuzi yuko amategeko agenga umuntu akiri muzima? 2Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amufatanya n’umugabo wiwe mu gihe cose uwo mugabo akiriho, ariko uwo mugabo apfuye, ayo mategeko ntaba akimumuboheyeko. 3Bishitse akarongorwa n’uwundi mugabo kandi uwa mbere akiriho, bamwita umusambanyikazi. Ariko iyo umugabo wiwe wa mbere apfuye, amategeko ntaba akimubuza kurongorwa n’uwundi mugabo, kandi iyo abikoze ntaba asambanye.
4Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza. 5Igihe twari tukiganjwe na kamere muntu kacu ka kera, ivyipfuzo vy’ivyaha vyishimikiza ivyagezwe bigakorera mu mibiri yacu, kandi ivyo twakora vyose vyadushikana ku rupfu. 6Ubu ivyagezwe ntibikituboshe, kuko twapfuye kuri vyo bikaba bitakituganza. Ni co gituma dushobora gukorera Imana, atari muri bwa buryo bwa kera bwo kwumvira ivyagezwe vyanditse, ariko mu buryo bushasha bwo kuba muri Mpwemu.
Kugwana n’icaha
7Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha canje. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: “Ntukipfuze.”#7:7 Kuvayo 20:17; Gusubiramwo 5:21 8Kuva ubwo, icaha caciye kironka akaryo ko gukangura muri jewe ivyipfuzo bibi vy’uburyo bwose! Iyo ivyagezwe bitaba biriho, icaha nticari kugira ubushobozi. 9Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga, icaha gica kiba kizima nanje ndapfa. 10Maze nsanga ibwirizwa ryo mu vyagezwe, ryonshikanye ku bugingo, ahubwo rinzaniye urupfu rwo mu buryo bw’impwemu. 11Icaha rero gica kironka akaryo ko kunsuka gihawe n’iryo bwirizwa, kandi gikoresheje iryo bwirizwa nyene gica kiranyica. 12Ariko naho biri uko, ivyagezwe biratunganye, kandi n’amabwirizwa yavyo aratunganye, aragororotse kandi ni meza.
13None ivyo bishoboka gute? Mbega ikintu ciza conzanira urupfu? Haba na mba! Icaha cakoresheje ikintu ciza mu ntumbero yo kunyica. Ivyo vyerekana ingene icaha ari kibi, kuko gikoresha n’amabwirizwa meza y’Imana mu gukora ikibi.
14Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantegenke ajakariye icaha. 15Nanje ubwanje sinitahura, kuko ivyo nipfuza gukora si vyo nkora, ahubwo nsanga nakoze ivyo nanka. 16None rero iyo menye ko ivyo nkoze ntashaka gukora ari bibi, mba nemeje ko ivyagezwe ari vyiza. 17Kandi ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe. 18Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora. 19Mu vy’ukuri, ivyiza ngomba gukora si vyo nkora, ahubwo ibibi ntagomba gukora nsanga ari vyo nakoze. 20Iyo nkoze ivyo ntagomba, bisigura ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe kibinkoresha.
21Nasanze hari icagezwe kimbamwo: iyo ngomba gukora ivyiza, nsanga nakoze ibibi. 22Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose. 23Ariko, hariho ikindi cagezwe kigwanya ico umutima wanje wemera. Ico na co, kingira imbohe y’icagezwe c’icaha gikorera mu mubiri wanje. 24Ewe jewe ndagowe! Ni nde azombohora uwu mubiri unjana mu rupfu? 25Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu!
Nuko rero, mu mutima wanje nipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha.
Currently Selected:
Roma 7: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.