YouVersion Logo
Search Icon

Roma 8

8
Ubuzima buronkerwa muri Mpwemu
1Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda. 2Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu. 3Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri. 4Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.
5Abarongorwa na kamere kabo k’icaha bashira imitima ku vyipfuzo vy’umubiri, ariko abarongorwa na Mpwemu Yera, bashira imitima ku vyo Mpwemu agomba. 6Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro. 7Kuko abaganzwa na kamere k’icaha ni abansi b’Imana. Ntibumvira ivyagezwe vyayo, kandi nta bushobozi bafise bwo kuvyumvira. 8Ni co gituma abarongorwa na kamere kabo k’icaha badashobora guhimbara Imana na gatoya.
9Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo. 10Ariko nimba Kristo aba muri mwebwe, naho imibiri yanyu izopfa kubera icaha, Mpwemu ni we abaha ubugingo kuko mwemewe n’Imana nk’abagororotsi. 11Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.
12Kubera ivyo rero bene Data, ntidutegerezwa gukora ivyo kamere kacu k’icaha kadutegeka gukora. 13Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.
14Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana; 15kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.” 16Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana. 17Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.
Ubwiza tubikiwe
18Niyumvira ko imibabaro turimwo ata ho ihuriye na gatoya n’ubwiza tuzohishurirwa, 19kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo. 20Kuko ivyaremwe vyose vyisanze musi y’umuvumo w’Imana, naho bitabihisemwo. Ariko bifise ivyizigiro 21ko na vyo nyene bizobohorwa bikava mu buja bwo kubora, bigahabwa ku bwiza n’umwidegemvyo vy’abana b’Imana.
22Kugeza n’ubu ivyaremwe vyose binihishwa n’umubabaro nk’umuvyeyi ari ku bise. 23Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu. 24Ivyo ni vyo twiteze kuva dukijijwe. Iyo icari citezwe kibonetse, kucitega kuba kurangiye. None hari umuntu yokwitega ico yamaze kubona? 25Ariko ko twiteze ivyo tutarabona, dutegerezwa kubirindira twihanganye.
26Muri uko kurindira, Mpwemu Yera ni we adufasha mu ntege nke zacu. Mu vy’ukuri ntituzi ico dukwiye gusengera, ariko Mpwemu Yera aradusengera aniha iminiho idashobora gusigurwa n’amajambo. 27Kandi Imana isuzuma imitima, iramenya neza ico Mpwemu yiyumvira, kuko Mpwemu adusengera twebwe abejejwe nk’uko Imana igomba.
28Turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo. 29Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi. 30Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.
Ubwinshi bw’urukundo rw’Imana
31Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda? 32Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we? 33Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Nta n’umwe, kuko Imana ni yo ibahindura abagororotsi. 34None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera. 35Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu? 36Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:
“Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose;
dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”#8:36 Zaburi 44:22
37Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze. 38Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, 39bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.

Currently Selected:

Roma 8: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in