1
Roma 7:25
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu! Nuko rero, mu mutima wanje nipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha.
Compare
Explore Roma 7:25
2
Roma 7:18
Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.
Explore Roma 7:18
3
Roma 7:19
Mu vy’ukuri, ivyiza ngomba gukora si vyo nkora, ahubwo ibibi ntagomba gukora nsanga ari vyo nakoze.
Explore Roma 7:19
4
Roma 7:20
Iyo nkoze ivyo ntagomba, bisigura ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe kibinkoresha.
Explore Roma 7:20
5
Roma 7:21-22
Nasanze hari icagezwe kimbamwo: iyo ngomba gukora ivyiza, nsanga nakoze ibibi. Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose.
Explore Roma 7:21-22
6
Roma 7:16
None rero iyo menye ko ivyo nkoze ntashaka gukora ari bibi, mba nemeje ko ivyagezwe ari vyiza.
Explore Roma 7:16
Home
Bible
Plans
Videos