Roma 6
6
Gupfa ku caha tukabaho muri Kristo
1Mbega none tuvuge iki? Dushishikare gukora ivyaha kugira ngo ubuntu bw’Imana bwongerekane? 2Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute? 3Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe? 4Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.
5Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe. 6Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha. 7Kuko iyo umuntu apfuye aba atandukanye no gukora ivyaha.
8Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobana na we kandi turi muri we. 9Turabizi neza ko Kristo yazutse mu bapfuye, kandi ntazosubira gupfa. Urupfu nta bubasha rukimufiseko. 10Igihe yapfa, yapfuye rimwe rizima kugira ngo amare icaha ubushobozi. Ariko noneho ko ariho, ariho kugira ngo aheshe icubahiro Imana.
11None rero, namwe nimufate ko mwapfuye, ko icaha kitakibafiseko ubushobozi, kandi ko muriho muri ab’Imana muri Kristo Yesu. 12Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu. 13Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana. 14Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.
Abagurano bo kugororoka
15None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe! 16Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse. 17Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye. 18Ubu mwarabohowe ntimukiri abagurano b’icaha, ahubwo mwahindutse abagurano bo kugororoka.
19Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera. 20Igihe mwari abagurano b’icaha, mwari mufise umwidegemvyo wo gukora ibitagororotse. 21Mbega none igihe mwabikora mwungutse iki, ko n’ubu mubiraba mukamaramara? Kandi ivyo bintu amaherezo yavyo ni urupfu. 22Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira. 23Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
Currently Selected:
Roma 6: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.