Roma 3
3
Imana ni umwizigirwa
1Mbega none akamaro ko kwitwa Umuyuda ni akahe? Canke agaciro ko gukebwa ni akahe? 2Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.
3Ni ivy’ukuri ko bamwe muri bo batabaye abizigirwa. None ukutizigirwa kwabo kurakuraho ubwizigirwa bw’Imana? 4Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:
“Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi,
kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”#3:4 Zaburi 51:4
5Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.) 6Ntibishoboka ko Imana irenganya! Kuko nimba Imana itagororotse, yoshobora ite gucira imanza isi yose? 7Vyoshoboka ko hari abaciyumvira bati: “None nimba ububi bwanje burushiriza kwerekana ko Imana ari inyakuri kandi bikayihesha icubahiro, ni kuki yoncira urubanza nk’umunyavyaha?” 8Mbere hariho n’abatubeshera ngo tuvuga ko dukwiye gucumura cane, kugira ngo havemwo ivyiza! Abavuga ivyo bazocirwa urubanza rubakwiye.
Nta n’umwe agororotse
9None tuvuge ko twebwe Abayuda twoba turi beza kurusha Abanyamahanga? Haba na mba! Kuko twamaze kwerekana ko abantu bose, baba Abayuda canke Abanyamahanga, bari musi y’ububasha bw’icaha, 10nk’uko handitswe ngo:
“Nta muntu agororotse, nta n’umwe;
11nta n’umwe atahura,
kandi nta n’umwe arondera Imana.
12Bose barazimiye,
maze bacika imburakimazi;
nta n’umwe akora iciza,
nta n’umwe.#3:12 Zaburi 14:1-3; 53:1-3; Umusiguzi 7:20
13Imihogo yabo imeze nk’imva zirangaye,
indimi zabo zivuga ibinyoma gusa.#3:13 Zaburi 5:9
Ubumara bw’inzoka buri ku minwa yabo.#3:13 Zaburi 140:3
14Akanwa kabo kuzuye imivumo n’umururazi.#3:14 Zaburi 10:7
15Ibirenge vyabo vyirukira kuvisha amaraso;
16aho baciye bahasiga imisaka n’ubworo,
17kandi ntibigeze bamenya inzira z’amahoro.#3:17 Yesaya 59:7,8
18Nta gutinya Imana kuri muri bo.”#3:18 Zaburi 36:1
19Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana. 20Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana ko agororotse, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.
Ukugororoka kuzanwa n’ukwizera
21Ariko noneho, Imana yaraduhishuriye ingene dushobora kuronka ukugororoka kwayo tutisunze ivyagezwe, nk’uko Mose n’abavugishwa n’Imana babishingiye intahe mu gihe ca kera. 22Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana ko tugororotse imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye. 23Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana. 24Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera ko tugororotse mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu. 25Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise. 26Ivyo yabikoze kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe; kandi ubwo bugororotsi bwayo nyene irongera ikabwerekana mu gufata abanyavyaha bizeye Yesu Kristo ko babaye abagororotsi.
27None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko ukwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera. 28Ng’ibi rero ivyo tuvuga: umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe. 29Mbega, Imana ni iy’Abayuda gusa? Si n’iy’Abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’Abanyamahanga na bo nyene. 30Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke Abanyamahanga. 31None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.
Currently Selected:
Roma 3: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.