Roma 4
4
Dufatire akarorero kuri Aburahamu
1Mbega none twovuga iki kuri Aburahamu sogokuruza? Yatahuye iki ku vyerekeye ingene umuntu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi? 2Iyo Aburahamu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vyiza yakoze, yari kuba afise ico yirata. Ariko imbere y’Imana si ko vyagenze. 3Ivyanditswe Vyera bivuga iki? Bivuga ko, “Aburahamu yizeye Imana, hanyuma ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.”#4:3 Itanguriro 15:6
4Iyo umuntu akoze igikorwa, impembo bamuhemba ntiba ari ingabire, aba aronse ikintu yakoreye ategerezwa guhabwa. 5Ariko Imana ntiyemera abantu ko bagororotse, kubera ibikorwa vyabo, ibemera kubera bayizeye yo iharira abanyavyaha. 6Ivyo ni vyo Dawidi yavuga yerekana amahirwe y’umuntu yemewe n’Imana nk’umugororotsi, itaravye ibikorwa yakoze:
7“Hahiriwe umuntu
Imana yababariye ibikorwa vyiwe bibi;
ivyaha vyiwe bigaharirwa.
8Hahiriwe umuntu
Uhoraho adaharurako ivyaha vyiwe.”#4:8 Zaburi 32:1,2
9None, ayo mahirwe Dawidi avuga ni ay’Abayuda gusa? Oya, na mba! Ni n’ay’Abanyamahanga na bo nyene. Kuko, twamaze kuvuga ko Aburahamu yizeye Imana, maze ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi. 10Mbega none ivyo vyabaye ryari? Imana yoba yamwemeye nk’umugororotsi amaze gukebwa canke atarakebwa? Mu vy’ukuri, Imana yamwemeye nk’umugororotsi atarakebwa! 11Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo. 12Kandi mu buryo bw’impwemu, Aburahamu ni sekuruza w’abo bose bakebwe, ariko ni mu gihe bafise ukwizera nk’ukwo yari afise imbere y’uko akebwa.
13Mu vy’ukuri, Imana ntiyahaye Aburahamu n’abazomukomokako bose isezerano ryo kuragwa isi kubera kwumvira ivyagezwe, ahubwo yarimuhaye kubera yayizeye, maze na yo ica imwemera nk’umugororotsi mu maso yayo. 14Nimba isezerano ari iry’abumvira ivyagezwe gusa, rero ukwizera nta co kumaze kandi n’isezerano ry’Imana nta gaciro rifise. 15Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako.
16Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose. 17Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.”#4:17 Itanguriro 17:5 Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.
18Mbere no mu gihe vyaboneka ko ata vyizigiro bikiriho, Aburahamu we yabandanije yizera, gutyo aba sekuruza w’amahanga menshi kuko Imana yari yavuze iti: “Uko ni ko abagukomokako bazongana.”#4:18 Itanguriro 15:5 19Ico gihe yari afise hafi imyaka ijana, ariko ukwizera kwiwe ntikwigeze kugabanuka, naho umubiri wiwe wari umaze kuba akaheze, kandi na Sara akaba yasa n’utagishobora kuvyara. 20Aburahamu ntiyigeze anyiganyiga mu kwizera isezerano ry’Imana, ahubwo ukwizera kwiwe kwagumye gukomera, kandi ivyo vyahesheje Imana icubahiro. 21Yari azi ko Imana ishoboye gushitsa ico yasezeranye. 22Ukwo kwizera kwiwe kwatumye Imana imwemera nk’umugororotsi. 23Aya majambo avuga ngo: “Imana imwemera nk’umugororotsi,” ntiyanditswe ku bwiwe wenyene, 24ahubwo natwe ni ayacu kuko twizeye uwazuye Umwami wacu Yesu amukuye mu bapfuye. 25Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.
Currently Selected:
Roma 4: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.