Roma 2
2
Urubanza rugororotse rw’Imana
1None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko na wewe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza. 2Twese turazi yuko urubanza Imana icira abakora nk’ivyo ari urw’ukuri. 3None wewe ucira imanza abandi, kandi ukora nk’ivyo bakora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana? 4Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?
5Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa. 6Imana “izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze.”#2:6 Zaburi 62:12; Imigani 24:12 7Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo. 8Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi. 9Ivyago n’imibabaro bizoshika ku muntu wese akora ibibi; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga. 10Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga. 11Kuko Imana idahengama ngo igire abo ikunda n’abo yanka.
12Abacumura badafise ivyagezwe vya Mose bazohona ivyo vyagezwe bitarinze kurabwa, kandi abacumura bari musi y’ivyagezwe bazocirwa urubanza n’ivyo vyagezwe. 13Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo. 14Abanyamahanga badafise ivyagezwe, iyo bakoze ivyo ivyagezwe bisaba, bamera nk’aho babifise mu mitima yabo, naho batabifise. 15Gutyo baba berekanye ko ivyagezwe vy’Imana vyanditswe mu mitima yabo. Kuko ijwi ryo mu mitima yabo n’ivyiyumviro vyabo bibagiriza iyo bariko barakora ibibi canke bikabahumuriza iyo bariko barakora ivyiza. 16Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.
Abayuda n’ivyagezwe
17None kuri wewe bimeze gute? Wiyita Umuyuda, ukishimikiza ivyagezwe vy’Imana, ukishimira ko ufitaniye imigenderanire idasanzwe n’Imana. 18Urazi ivyo Imana ishaka ko ukora, kandi urazi guhitamwo iciza kuko wigishijwe ivyagezwe. 19Wizigira ko uri indongozi y’impumyi, umuco w’abari mu mwijima, 20umwigisha w’abatagira ico bazi, n’umumenyereza w’abakiri bato. Uzi neza ko Ivyagezwe bishobora kuguha kumenya ukuri kwose. 21None, wewe ko wigisha abandi ni kuki utiyigisha nawe? Ko wigisha abandi ngo: Ntimukibe, ni kuki wiba? 22Ko wigisha abantu ngo ntibasambane, ni kuki usambana? Ko uvuga ko wanka ibigirwamana, ni kuki ukoresha ibikoresho vyibwe mu ngoro z’ibigirwamana? 23Wishimira ko ufise ivyagezwe, ariko utukisha Imana mu kutabikurikiza. 24Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ni mwebwe mutukisha izina ry’Imana mu Banyamahanga.”#2:24 Yesaya 52:5; Ezekiyeli 36:22
25Umugenzo w’Abayuda wo gukebwa ufise agaciro mu gihe umuntu yumvira ivyagezwe, ariko igihe atavyumvira nta co aba arushije uwutigeze akebwa. 26Mbega abanyamahanga batigeze bakebwa nibumvira ivyagezwe, ntizobemera nk’ubwoko bwayo naho batigeze bakebwa? 27Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.
28Ikigira umuntu Umuyuda w’ukuri si ugukomoka ku bavyeyi b’Abayuda gusa kandi ugukebwa nyakuri si ukwo ku mubiri. 29Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.
Currently Selected:
Roma 2: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.