1
Roma 3:23-24
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana. Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera ko tugororotse mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.
Compare
Explore Roma 3:23-24
2
Roma 3:22
Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana ko tugororotse imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.
Explore Roma 3:22
3
Roma 3:25-26
Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise. Ivyo yabikoze kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe; kandi ubwo bugororotsi bwayo nyene irongera ikabwerekana mu gufata abanyavyaha bizeye Yesu Kristo ko babaye abagororotsi.
Explore Roma 3:25-26
4
Roma 3:20
Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana ko agororotse, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.
Explore Roma 3:20
5
Roma 3:10-12
nk’uko handitswe ngo: “Nta muntu agororotse, nta n’umwe; nta n’umwe atahura, kandi nta n’umwe arondera Imana. Bose barazimiye, maze bacika imburakimazi; nta n’umwe akora iciza, nta n’umwe.
Explore Roma 3:10-12
6
Roma 3:28
Ng’ibi rero ivyo tuvuga: umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe.
Explore Roma 3:28
7
Roma 3:4
Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”
Explore Roma 3:4
Home
Bible
Plans
Videos