YouVersion Logo
Search Icon

Obadiya 1

1
Ivyo Obadiya yeretswe
1Ibi ni vyo Obadiya yeretswe.
Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze kuri Edomu.
Twumvise inkuru ivuye k’Uhoraho, kandi
intumwa yatumwe ku mahanga kuyabwira iti:
“Nimuhaguruke, tugende kumutera tumugwanye.”
2“Raba, nzokugira muto mu yandi mahanga,
ube inkengerwa rwose.
3Ubwibone bwo mu mutima wawe bwaraguhenze,
wewe wibera mu myobo yo mu bitandara,
ukiyubakira inzu mu misozi miremire,
ukibwira mu mutima uti:
‘Ni nde yonkororera hasi kw’isi?’
4Naho woguruka ukaja hejuru cane nk’inkona,
ukarika icari cawe mu nyenyeri,
nzokumanurayo ndagukororere hasi,”
ni ko Uhoraho avuze.
5Hamwe ibisuma vyogutera,
canke abambuzi bakaza mw’ijoro;
ese ukuntu woba ugize ivyago!
Mbega ntibokwiba ikintu cose bipfuza?
Abimbuzi b’inzabibu baje kwimbura mw’itongo iwawe,
mbega ntibasigaza dukeya?
6Ariko, ese ukuntu Esawu yatswe ikintu cose,
n’ubutunzi bwiwe bwose bwari bunyegejwe bukanyagwa!
7Abo mufitaniye amasezerano bazokwirukana uve mu gihugu cawe;
abagenzi bawe bazoguhinduka kandi bakuneshe;
abarya ivyokurya vyawe bazogutega umutego,
ariko ntuzowubona.
8“Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho avuze,
“mbega sinzoherengeteza abanyabwenge bose ba Edomu,
abafise ugutahura bari mu misozi ya Esawu?”
9Abahizi bawe b’abagwanyi, ewe Temani, bazojugumira kubera ubwoba,
kandi umuntu wese wo mu misozi ya Esawu
azohimbagurwa ku musi wo gutikizwa.
10Kubera ibibi wakoreye umuvukanyi wawe Yakobo,
ibiteterwe bizogupfuka;
uzoherengetezwa ibihe vyose.
11Igihe baterwa wihagarariye ku ruhande,
igihe abansi banyaga ubutunzi bwiwe,
abanyamahanga bakinjira mu marembo yiwe,
bagapfindira ubupfindo Yerusalemu,
wari umeze nk’umwe muri bo.
12Ntiwari ukwiye kunezerezwa no kugirirwa nabi kw’umuvukanyi wawe
ku musi yaboneyeko ivyago,
canke ngo utwenge Abayuda
ku musi wo kubona amakuba kwabo,
canke ngo wishime cane
ku musi w’ivyago vyabo.
13Ntiwari ukwiye kwinjira mu marembo y’abantu banje
ku musi baboneyeko ivyago,
canke ngo ubatwenge batewe n’ikiza
ku musi baboneyeko amagorwa,
canke ngo utware ubutunzi bwabo
ku musi w’ivyago vyabo.
14Ntiwari ukwiye kubarindirira mu masanganzira
ngo wice abo muri bo bagerageza guhunga,
canke ngo utange abacitse kw’icumu ubashikirize abansi,
ku musi wabo w’amagorwa.
15“Umusi w’Uhoraho uri hafi
aho azocira urubanza amahanga yose.
Ivyo wakoze, ni vyo uzokorerwa;
ibikorwa vyawe bizogusubira ku mutwe ubwawe.
16Nk’uko wimaze inyota ku bantu banje uri ku musozi wanje wera,
ni ko wewe n’amahanga agukikije muzoramizwa igihano ndabaciriye;
muzonywa mwongere munywe,
kugeza muzimanganye.
17Ariko umusozi Siyoni uzoba ubukiriro bw’abahunga;
uzoba wejejwe;
kandi Yakobo azoganza umugabane wiwe.
18Yakobo azoba nk’umuriro
Yosefu abe nk’urubeya;
Esawu na we azoba nk’ivyatsi vyumye,
maze bazomuturira bamuherengeteze.
Ntihazosigara n’uwo kuvuga inkuru
mu ba Esawu.”
Ni ko Uhoraho avuze.
19Abantu b’i Negebu bazokwegukira
imisozi ya Esawu,
n’abantu bo mu biyaya begukire
igihugu c’Abafilisitiya.
Bazokwibera mu mirima ya Efurayimu n’i Samariya,
kandi Benyamini azokwegukira Gileyadi.
20Abajanywe ari inyagano ba Isirayeli bazogaruka i Kanani
bazokwegukira igihugu gushika i Zarefati;
abajanywe ari inyagano bava i Yerusalemu bari i Sefaradi bazogaruka
begukire ibisagara vy’i Negebu.
21Abazoba barokotse bazoduga ku Musozi Siyoni
ngo baganze imisozi ya Esawu.
Maze ubwami buzoba ari ubw’Uhoraho.

Currently Selected:

Obadiya 1: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in