YouVersion Logo
Search Icon

Obadiya Intangamarara

Intangamarara
Obadiya ni izina ryakoreshejwe cane mu Vyanditswe Vyera (1 Abami 18:3-16; 1 Ngoma 3:21; 7:3; 8:38; n’ahandi). Mu buvugishwa bwiwe bugufi, avuga uguhona kwa Edomu, igihugu c’abantu bakomoka kuri Esawu, ihasa rikuru kuri Yakobo (Itanguriro 24:24-25) bagerereye mu misozi ya Seyiri, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Yorodani (Itanguriro 36). Iki gitabu nta co kivuga kuri uwu muvugishwa ubwiwe, ariko Obadiya wewe ivyo avuga abivuga afatiye ku gitero c’i Yerusalemu cabaye kivuye ku ngabo z’abansi, Abanyedomu na bo bakaba bakironsemwo inyungu (10-14). Ivyo vyatumye habaho amagenekerezo abiri yiyumvirwa ko yoba ari yo Obadiya yavugiyeko ubutumwa bwiwe:
1. Nko mu mwaka wa 845 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo: Ni kubera yuko muri ico gihe, Abanyedomu, bari mu buja bwa Yuda kuva kera, bagumutse bakanka kwongera kuba mu buja. Hari ku ngoma ya Yoramu (hagati ya 848 na 841, 2 Ngoma 21:8-10). Hafi mu mwaka wa 845, Abafilisitiya n’Abarabu barateye Yerusalemu, basahura ibintu vyose vyari mu kirimba, batwara n’abantu ari inyagano (2 Ngoma 21:16-17). Bigaragara nk’aho Abanyedomu boba baragize uruhara muri ico gitero kuko uwavugishwa n’Imana Amosi, mu vyo yanditse mu kinjana c’umunani imbere y’ivuka rya Yesu Kristo, avugamwo ibintu vyabaye bisa n’ivyo Obadiya avuga (Amosi 1:6; 9; Amosi 1:11).
2. Inyuma y’umwaka wa 587 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo: Igituma ni uko igihe ingabo za Nebukadineza zigarurira Yerusalemu, Abanyedomu baciye baboneraho akaryo ko kwihora Abayuda, nk’uko ibice vyinshi vyo mw’Isezerano rya Kera bivyerekana (Zaburi 139:7; Ezekiyeli 25:12-14; 35; Intimba 4:21-22).
Mu ntango, umuvugishwa avuga urubanza ruciriwe Edomu (1-14), kuko banejerejwe n’ivyago bishikiye benewabo, abantu bakomoka kuri Yakobo; Yuda (10-12), gutyo baba bishizeko icaha kibi c’intambara (13-14). Ni co gituma bazogirirwa nk’uko na bo bagize hakurikijwe ingendo y’ugusubiriza mu nkoko: Ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi (Kuvayo 21:24).
Ariko hirya y’urwo rubanza ruciriwe Edomu, Obadiya arabona urundi rubanza ruciriwe amahanga yose, aho ivyashikiye abakomoka kuri Esawu ari nk’akarorero (15-21). Kuko ku musi w’Uhoraho, Imana izohanira abaremwe bose ibibi bazoba barakoze, ikurikije iyo ngendo nyene y’ugusubiriza mu nkoko (15-16). Ariko rero i ruhande y’urwo rubanza hazoza n’agakiza: ubwoko bw’abakijijwe (17) buzokwira kw’isi yose (19-20), kandi Imana na yo izohashinga ingoma yayo (21).
Yesu na we nyene yaravuze ivy’urwo rubanza (Matayo 25:31-46). Ariko imbere y’ivyo bikwiye ko Ubutumwa Bwiza bukwira mw’isi yose, uhereye i Yerusalemu (Luka 24:46).

Currently Selected:

Obadiya Intangamarara: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in