1
Obadiya 1:17
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ariko umusozi Siyoni uzoba ubukiriro bw’abahunga; uzoba wejejwe; kandi Yakobo azoganza umugabane wiwe.
Compare
Explore Obadiya 1:17
2
Obadiya 1:15
“Umusi w’UHORAHO uri hafi aho azocira urubanza amahanga yose. Ivyo wakoze, ni vyo uzokorerwa; ibikorwa vyawe bizogusubira ku mutwe ubwawe.
Explore Obadiya 1:15
3
Obadiya 1:3
Ubwibone bwo mu mutima wawe bwaraguhenze, wewe wibera mu myobo yo mu bitandara, ukiyubakira inzu mu misozi miremire, ukibwira mu mutima uti: ‘Ni nde yonkororera hasi kw’isi?’
Explore Obadiya 1:3
4
Obadiya 1:4
Naho woguruka ukaja hejuru cane nk’inkona, ukarika icari cawe mu nyenyeri, nzokumanurayo ndagukororere hasi,” ni ko UHORAHO avuze.
Explore Obadiya 1:4