YouVersion Logo
Search Icon

Yona Intangamarara

Intangamarara
Yona mwene Amitayi (1:1) yava i Gati-Heferi mu ntara ya Zabuloni (2 Abami 14:25; Yosuwa 19:10; 13). Yabaye uwuvugishwa n’Imana mu bwami bwo mu buraruko ku ngoma y’umwami Yerobowamu wa kabiri (hagati y’imyaka ya 793 na 753 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo). Muri ico gihe, ubwami bwa Siriya bwariko buratakaza inkomezi kubera gusugerezwa n’ubwami bwa Ashuri, kandi n’ubushobozi bwa Ashuri nyene bwariko buragabanuka kubera imivurungano yadutse muri ubwo bwami. Nk’uko ibitabu vy’abami bivyerekana, Yona yarateye intege Yerobowamu wa kabiri kugira ngo abonereho kwigarurira intara zo mu buraruko Abasiriya bari baranyaze (2 Abami 14:25-27).
Ikintu kino gitabu ca Yona gitandukaniyeko n’ibindi vyo mw’Isezerano rya Kera ni uko coco kivuga igikorwa kimwe gusa Uhoraho yatumye umuvugishwa wayo. Imero y’iki gitabu itwibutsa ibikorwa vya Eliya na Elisa mu gitabu ca mbere n’ica kabiri vy’abami hamwe n’ibice bivuga ivyabaye dusanga muri Yesaya, Yeremiya na Ezekiyeli.
Iki gitabu kivuga ingene Yona yatumwe n’Uhoraho kuja i Ninewe, umugwa mukuru wa Ashuri, kugira ngo aburire abantu baho ku bibi bihakorerwa. Ariko Yona yaragararije itegeko ry’Imana, aca ahunga aciye mu kiyaga, ajana inzira ihushanye n’iyo yategerezwa kujana (1:2-3). Imana imubujije kubandanya iyo yari ahungiye (1:4–2:10), uwo muvugishwa arahava aremera kuja i Ninewe kuburira abaho ivyerekeye urubanza rw’Imana. Abantu b’i Ninewe bumvise ubutumwa bwiwe, baca bafata ingingo yo kwihana. Bamaze guhindura inyifato, Uhoraho na we aca ahagarika igihano yari yabageneye (3:1-10). Mw’ishavu ryinshi, Yona yaciye yumva ko yopfuma apfa (4:3) kandi aca avuga n’igituma yari yagararije Imana: ko vyavuye ku kumenya urukundo no kugira neza kw’Uhoraho (4:2). Uwo muvugishwa ntiyagomba ko abantu bo muri Ashuri batabarwa, kuko yabona ko ari ubwoko bwabaye rurangiranwa mu gukora ibibi, nk’uko Amosi, yabayeho mu gihe ca Yona nyene, avuga ko ari bo bazotikiza Isirayeli. Ukutagira ikigongwe kw’uwo muvugishwa, asa n’aho yagomba kwigira uwugororotse kurusha Imana (4:4-11), kwoba kwari guhagaze ahanini ku gukunda igihugu ciwe birenze urugero, bigatuma anyuranya n’umugambi w’Imana wo guhezagira abantu bo mu bwoko bwose biciye kuri Isirayeli (Itanguriro 12:3; Kuvayo 19:5-6; 1 Abami 17:8; 2 Abami 5; Zaburi 96; 98; 117; Amosi 9:12).
Igihe abakuru b’Abayuda baja gusaba Yesu ikimenyetso c’igitangaza kibemeza ko igikorwa ciwe gikomoka ku Mana, yabahaye ica Yona: nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi runini, ni ko na Mesiya bari biteze yategerezwa kumara imisi itatu n’amajoro atatu mu mva (Matayo 12:38-40; 16:4; Luka 11:29). Ariko ku bwo guhumwa amaso n’ivyo kwitaho idini ryabo, Abayuda bo mu gihe ca Yesu ntibigeze bamwemera (Yohana 12:41; Luka 11:30).

Currently Selected:

Yona Intangamarara: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in