YouVersion Logo
Search Icon

Yona 1

1
Yona ahunga Uhoraho
1Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Yona mwene Amitayi, riti: 2“Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukiburire, kuko ibibi abakibamwo bakora vyaduze bishika imbere yanje.”
3Ariko Yona afata inzira ija i Tarushishi ngo ahunge Uhoraho. Nuko aramanuka aja i Yopa, ahasanga ubwato bugira buje i Tarushishi, ariha amahera y’urugendo, hanyuma aramanuka yinjira mu bwato kugira ngo aje i Tarushishi, ahunge Uhoraho.
4Maze Uhoraho ateza umuyaga ukomeye mu kiyaga; haba igihuhusi ku buryo ubwato bwagomba kumeneka. 5Abari mu bwato bagira ubwoba bwinshi, maze umwe wese atakambira imana yiwe kugira ngo ibatabare. Bafata ivyo bari batwaye mu bwato babiterera mu kiyaga kugira ngo baburemurure.
Ariko Yona we yari yamanutse aja hasi mu bwato, araryama asinzira ubutikoma. 6Umukuru w’ubwato aza aho Yona aryamye amubwira ati: “Urubahuka gusinzira ibintu bimeze uku? Vyuka utakambire imana yawe hari n’aho yotugirira imbabazi ntidupfe.”
7Maze baravugana bati: “Reka tugire ubupfindo kugira ngo tumenye uwutumye ibi vyago bidushikira.” Bagize ubupfindo, bwerekana ko vyavuye kuri Yona. 8Baramubaza bati: “Tubarire: ni kuki ibi vyago bidushikiye? Ukora iki? Uva he? Igihugu cawe ni ikihe? Uva mu bwoko ubuhe?”
9Arabishura ati: “Ndi Umuheburayo kandi nsenga Uhoraho, Imana yo mw’ijuru yaremye ikiyaga n’isi.”
10Ba bagabo bafatwa n’ubwoba bwinshi baramubaza bati: “Ni kuki wakoze ivyo?” Bari bamaze kumenya ko ariko arahunga ngo aje aho Uhoraho adashobora kumubona kuko yari yamaze kubibabwira.
11Kubera ko igihuhusi cakomeza kwiyongeranya, baca baramubaza bati: “None tugukorere iki kugira ngo duhagarike iki gihuhusi ikiyaga gitekane?”
12Arabishura ati: “Nimunterure munte mu kiyaga, maze gica gitekana kuko ndazi ko iki gihuhusi gikomeye kije kubera jewe.”
13Aho kumuterera mu kiyaga, ba bagabo bagerageza gusoza ubwato ngo busubire ku musozi ariko birabananira, kuko igihuhusi caca kirushiriza gukomera. 14Nuko batakambira Uhoraho Imana ya Yona, bati: “Uhoraho, turakwinginze ntutwice ku bw’ivyaha vy’uwu muntu. Kandi ntuduharureko amaraso y’umuntu, kuko wewe Uhoraho, wakoze ibiguhimbara.” 15Nuko baterura Yona bamuterera mu kiyaga, maze ca gihuhusi kirahagarara, ikiyaga kiratekana. 16Ba bagabo bagira ubwoba bwinshi ku bw’Uhoraho, bamushikanira ikimazi, basezerana n’amasezerano imbere yiwe.
Isengesho rya Yona
17 Uhoraho aca azana urufi runini cane, rumira Yona, amara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda yarwo.

Currently Selected:

Yona 1: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in