Yona 2
2
1Nuko Yona asenga Uhoraho Imana yiwe ari mu nda y’urwo rufi. 2Avuga ati:
“Natakambiye Uhoraho ndi mu vyago bikomeye,
na we aranyishura.
Ndi mu kibanza c’abapfuye, naratakamvye ngo untabare,
nawe wumvise ijwi ryanje.
3Wantereye kure cane mu kuzimu,
kure cane mu mutima w’ikiyaga;
imikuba ikomeye yaranzungurutse,
imipfunda n’ugusuriranya kw’amazi vyawe
vyarandengeye.
4Ndavuga nti: ‘Noneho nkuwe
imbere y’amaso yawe.
Ariko nzosubira nihweze
urusengero rwawe rwera.’
5Amazi yarandengeye agomba kunyica,
i bwina mu mazi haranzunguruka;
ivyatsi vyo mu kiyaga binyizingira ku mutwe.
6Naranyitse nshikira intango y’imisozi,
aho isi yanyugaraniye ubutakivayo.
Ariko wewe, Uhoraho Mana yanje,
waduganye ubuzima bwanje ubukuye mu cobo.
7Igihe ubuzima bwanje bwariko burakabirana,
nibutse wewe Uhoraho,
ugusenga kwanje kuraduga kuragushikira,
mu rusengero rwawe rwera.
8Abashira umutima ku bigirwamana bitagira ikimazi,
batera umugongo urukundo Imana ibakunda.
9Ariko jewe, nzogushikanira ikimazi
nshize hejuru ijwi ryo kugushimira.
Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye,
kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho.”
10Maze Uhoraho ategeka urwo rufi, na rwo rudahwa Yona ku nkengera y’ikiyaga.
Currently Selected:
Yona 2: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.