YouVersion Logo
Search Icon

Hoseya 14

14
Ukwihana kuzana umugisha
1Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu, yemwe Bisirayeli.
Kuko ivyaha vyanyu ari vyo vyatumye mugwa!
2Nimujane amajambo yanyu yo kwihana
mugende k’Uhoraho.
Mumubwire muti:
“Duharire ivyaha vyacu vyose
maze utwakirane ubuntu,
kugira ngo tugushikanire ivyimburwa vy’ishimwe bivuye mu kanwa kacu.
3Ashuri ntibashobora kudukiza;
canke kwurira amafarasi yacu y’intambara.
Ntituzosubira kuvuga tuti: ‘Muri imana zacu,’
tubwira ivyo amaboko yacu yakoze,
kuko muri wewe honyene ni ho impfuvyi zironka kugirirwa impuhwe.”
4“Nzoharira ugusubira inyuma kwanyu
kandi nzobakundisha umutima wanje wose,
kuko uburake bwanje bubavuyeko.
5Nzoba nk’ikime ku Bisirayeli;
bazoshurika nk’ishurwe ryiza.
Bazoshora imizi igere kure mw’ivu
nk’igiti c’isederi c’i Libani
6kandi imivyaro yabo izokura.
Ubwiza bwabo buzoba nk’ubw’igiti c’umwelayo,
ugutamirana kwabo kuzoba nk’ukw’isederi ry’i Libani.
7Abantu bazosubira kuba musi y’igitutu ciwe;
bazokura nk’ingano,
bashurike nk’imizabibu,
kumenyekana kw’Abisirayeli kuzoba nk’ukw’umuvinyu w’i Libani.
8Efurayimu we, uracasangiye iki n’ibigirwamana?
Nzomwishura kandi nzomwitaho.
Nzoba nk’igiti c’isederi cama gitoshe;
ivyamwa vyawe biva kuri jewe.”
9Ni nde w’umunyabwenge? Natahure ibi bintu.
Ni nde afise ubumenyi? Nabimenye.
Inzira z’Uhoraho ziragororotse;
kandi umugororotsi azozigenderamwo,
ariko abagarariji bazozitsitaramwo bagwe.

Currently Selected:

Hoseya 14: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in