Yoweli Intangamarara
Intangamarara
Uretse kino gitabu (1:1) hamwe n’amajambo yo muri co yavuzwe mu gitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa 2:16, nta handi hantu na hamwe usanga havuga ivyerekeye uwu muvugishwa n’Imana Yoweli. Nta n’uwovuga ko yoba ari umwe muri barya bantu cumi na babiri bo mw’Isezerano rya Kera bitwa iryo zina. Mbere ubiravye, usanga na se Petuweli (1:1) ari umuntu atazwi. Ukuntu uwo muvugishwa yitaho ivya Yerusalemu n’ivya Yuda (2:32; 3:1,6,8; 3:16-20) vyerekana ko igikorwa ciwe yoba yagikoreye mu bwami bw’epfo bwa Yuda. Ariko igihe yagikoreyemwo, abantu bakivuga ugutandukanye: bamwe bavuga ko hoba hari hagati y’ikinjana kigira icenda imbere y’ivuka rya Yesu Kristo, ku ngoma y’umwami Yowashi; ni ukuvuga hagati y’umwaka wa 835 n’uwa 796, abandi na bo bakavuga ko ibikorwa vyiwe yabikoze abantu bavuye mu kinyago, inyuma y’ibikorwa vya Hagayi na Zakariya.
Ijambo nyamukuru iki gitabu gihagazeko ni: “Umusi w’Uhoraho” kuko iryo jambo rigaruka gatanu kose mu vyo yavugishijwe (1:15; 2:1,11; 3:4; 3:14).
Ubwa mbere, Yoweli ashira iryo jambo ry’umusi w’Uhoraho ku bintu azi vyo mu gihe ciwe (1:1-20): uruzuba rwinshi hamwe n’igitero c’inzige (1:4) zaje zigatera igihugu cose zikazimanganya ivyo bokwimbuye vyose. Mu maso y’umuvugishwa, ico cago ni: “Umusi w’Uhoraho” ni ukuvuga igihano c’Imana kubera ukubura ubwizigirwa kw’Abayuda (1:15).
Abandi na bo, babona ko igice ca kabiri c’ico gitabu cari cerekeye ico gitero nyene c’inzige (2:25), akaba ari wo “Musi nyene w’Uhoraho” (2:1-2). Kubera ico gihano c’Imana, Yoweli aca ahamagarira abantu kugaruka k’Uhoraho n’imitima yabo yose, berekana ko bafashe ingingo yo guhinduka ivuye mu mitima mu kwisonzesha kw’igihugu cose (2:12-17). Bigaragara nk’aho uwo muvugishwa yumviwe, kuko Uhoraho yaciye avuga ko agiye gukuraho ingabo ziwe ari zo nzige, akanabashumbusha ivyo izo nzige zononye mu kubaha iterambere (2:18-27). Abandi bantu na bo, babona muri ico gitero c’inzige kivugwa mu gice ca mbere ishusho y’igitero c’ingabo zizotera ubwami bwa Yuda, ico gitero kivugwa mu gice ca kabiri, kikaba kigizwe n’ingabo nyinshi kandi zikomeye (2:4-10) ziturutse mu buraruko (2:10; Yeremiya 1:14; 6:22).
Ubwa kabiri, umuvugishwa ava ku vyerekeye ico gihe ciwe akaja mu gihe c’iherezo, aho aca avuga umusi w’Uhoraho ukwiye isi yose, umusi w’urubanza ku bantu bose (3:1-17), mugabo abantu biwe bakaba bazorokoka (3:1-5; 3:18-21) aho azocira urubanza amahanga yose (3:1-17). Kuri uwo musi, Uhoraho azokwishura icipfuzo Mose yagize kera (Guharura 11:29), mu gusuka Mpwemu wiwe ku bantu bagize ubwoko bwiwe kugira ngo abahindure abavugishwa biwe, mu gihe iyo ngabire yari ifiswe n’abantu bakeya gusa (3:1-5). Ubwo buhanuzi ni bwo Intumwa Petero yavuze ku musi wa Pantekote kugira ngo amenyeshe ko bushitse aca asigura n’ibibaye (Ivyakozwe 2:16-21). Ariko kuri uwo musi w’Uhoraho, ayandi mahanga azokwiyegeranya kugira ngo atere ubwoko bw’Imana rimwe rizima kandi rya nyuma, abitewe n’agatima ko kugarariza Uhoraho, na we akazoca yisidukira kuza kubacira urubanza (3:1-17). Kwerekwa ibintu bihambaye nk’ivyo vyerekeye igihe c’iherezo, birasubira bikavugwa na Ezekiyeli (Ezekiyeli 38; 39) hanyuma tukabibona no mu Vyahishuriwe Yohana. Ubuhanuzi bwa nyuma bwa Yoweli buvuga ibijanye n’umusi w’Uhoraho (3:18-21), avuga ivyerekeye ugutera imbere kwa nyuma kw’ubwoko bw’Imana n’uko bazokwezwa n’amazi yiburuka ava mu rusengero. Yesu yarabigarutseko ariko avuga ivyo guhabwa Mpwemu (Yohana 7:37-38).
Currently Selected:
Yoweli Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.