Hoseya 13
13
Uburake bw’Uhoraho ku Bisirayeli
1Iyo Efurayimu avuze, abantu barajugumira;
kuko yashizwe hejuru mu Bisirayeli.
Ariko Abefurayimu baracumuye mu gusenga Bayali maze barapfa.
2Ubu rero barushirijeho gukora ivyaha;
bicurira ibigirwamana mw’ifeza zabo,
bihinguriye mu bwenge bwabo ibishushanyo.
Vyose ni ibikorwa vy’abacuzi.
Ehe ibivugwa kuri abo bantu:
“Batanga abantu kw’ibimazi!
Bagasoma ibishushanyo vy’inka!”
3Ni co gituma bazoba nk’ikime co mu gitondo,
nk’igipfungu co mu gatondo kiyonga gihuye n’izuba,
nk’umuguruka utumuka uva ku mbuga yo kugosorerako,
nk’umwotsi usohoka uca mw’idirisha.
4“Ariko namye ndi Uhoraho Imana yanyu
kuva aho mwaviriye muri Egiputa.
Nta yindi Mana muzokwemera atari jewe,
kuko ata Mukiza wundi atari jewe.
5Narakwitwararitse uri mu bugaragwa,
mu gihugu c’ubushuhe buturira.
6Aho nabagaburira, barariye barahaga;
bamaze guhaga, bafatwa n’ubwibone;
maze baranyibagira.
7Ni co gituma nzoba nk’intambwe kuri bo,
nzobabundira nk’uko ingwe ibunda i ruhande y’inzira.
8Nk’idubu ryibwe ibibuguru vyaryo,
nzobatera, maze ndabatabagure;
nzobashihagura nk’intambwe y’ingore,
igikoko co mw’ishamba kizobatabagura.
9Urahonye, yewe Isirayeli,
kuko wigize umwansi wanje, jewe umutabazi wawe.
10Umwami wawe ari hehe, kugira ngo agukize?
Abatware bawe bo mu bisagara vyose vyawe bari hehe?
Abo wansavye uvuga uti:
‘Mpa umwami n’abaganwa’?
11Ico catumye ndaguha umwami nshavuye,
kandi mu burake bwanje ndamutwara.
12Ivyaha vya Efurayimu vyaregeranijwe,
ivyaha vyiwe vyaranditswe birabikwa.
13Uburibwe bubajeko nk’uko ibise biza ku mugore afise inda,
ariko ni nk’umwana atagira ubwenge;
igihe gishitse co kuvuka,
ntazoshobora gusohoka ngo ave mu nda ya nyina.
14Nzotabara aba bantu ndabakure mu kuzimu;
nzobacungura ndabakure mu rupfu.
Wa rupfu we, ivyago vyawe biri hehe?
Kuzimu we, ubushobozi bwawe bwo kwica buri hehe?
Sinzogira impuhwe,
15Efurayimu naho yotera imbere hagati mu bavukanyi biwe.
Umuyaga uvuye k’Uhoraho uzoza uvuye i buseruko,
uzohuha uturutse mu bugaragwa;
isoko yabo izokama
n’iriba ryaho ryume.
Ububiko bwabo buzokwibwa
ubutunzi burimwo bwose bunyagwe.
16Abantu b’i Samariya bazobona inkurikizi z’ivyo bakoze,
kuko bagararije Imana yabo.
Bazokwicwa n’inkota;
abana babo b’inzoya bazobasya babamenagurire hasi,
abagore babo bibungenze bazofomozwa inkota.”
Currently Selected:
Hoseya 13: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.