Hagayi 2
2
Ubwiza bwasezeranywe bw’Ingoro nshasha
1Ku musi wa mirongo ibiri na rimwe w’ukwezi kugira indwi, ijambo ry’Uhoraho riraza riciye mu wavugishwa n’Imana Hagayi, rivuga riti: 2“Vugana na Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, na Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’amasigarira yose y’abo bantu. Ubabaze uti: 3‘Ni nde muri mwebwe agisigaye yoba yarabonye iyi Ngoro mu bwiza bwayo bwa kera? Mbega ubu isa gute? Mbega ntisa n’aho ari ubusa?’ 4‘Ariko ubu rero shikama, yewe Zerubabeli,’ ni ko Uhoraho avuze. ‘Shikama, yewe Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru. Nimushikame mukomere, namwe bantu mwese muri mu gihugu,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘maze mukore. Kuko ndi kumwe namwe,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 5‘Ibi ni vyo nasezeranye namwe igihe mwava muri Egiputa. Kandi Mpwemu wanje aguma hagati muri mwebwe. Ntimutinye.’
6Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Mu gihe gito nzosubira kunyiganyiza amajuru n’isi, ikiyaga n’i musozi.’ 7Nzonyiganyiza amahanga yose, kandi ivyo amahanga yose yipfuza bizoza, maze nzokwuzuza ubwiza iyi Ngoro, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 8‘Ifeza ni izanje n’inzahabu ni izanje,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 9‘Ubwiza bw’iyi Ngoro buzoruta ubw’iya kera,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. ‘Kandi nzozana amahoro aha hantu,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”
Imigisha izoba ku bantu bahumanye
10Ku musi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza riciye ku wavugishwa n’Imana Hagayi riti: 11“Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Baza abaherezi uko ivyagezwe bivuga: 12Umuntu niyatwara inyama zeguriwe Imana mu muzingo w’impuzu wiwe, maze uwo muzingo ugakora ku mukate canke imboga, umuvinyu, amavuta ya elayo canke ibindi vyokurya vyose, mbega ivyo na vyo nyene bizoca biba ivyeguriwe Imana?’ ”
Maze abaherezi barishura bati: “Oya.”
13Maze Hagayi aravuga ati: “Umuntu yahumanijwe no gukora ku muvyimba akoze kuri kimwe muri ivyo, mbega gica gihumana?”
Ba baherezi barishura bati: “gica gihumana.”
14Maze Hagayi aravuga ati: “ ‘Ni ko bimeze no kuri aba bantu no kuri iri hanga mu nyonga zanje,’ ni ko Uhoraho avuze. ‘Ivyo bakora vyose n’ivyo bashikana vyose biranduye.’
15None rero nimwiyumvire kuri ibi uhereye uno musi, mwibuke igihe ata buye ryari bwagerekwe ku rindi mu Ngoro y’Uhoraho. 16Umuntu yaja kurondera ingero mirongo ibiri mu kigega z’ingano, yasangamwo ingero cumi gusa. Uwaja kurondera ingero mirongo itanu z’umuvinyu mu bwato bwo kuganiramwo, yasangamwo ingero mirongo ibiri gusa. 17Nateje igikorwa c’amaboko yanyu kurumba, ukubora n’urubura, ariko na ho nyene ntimwangarutseko, ni ko Uhoraho avuze. 18‘Kuva uwu musi, umusi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira icenda, mwiyumvire cane ku musi itanguriro ry’uru rusengero rw’Uhoraho ryashirwaho. Mwiyumvire neza: 19Mbega hari n’imbuto zisigaye mu bigega? Kugeza ubu, umuzabibu, n’umusukoni, umukomamanga n’umwelayo ntivyamye ivyamwa vyavyo.
Uhereye kuri uwu musi nzobahezagira.’ ”
Isezerano kuri Zerubabeli
20Ijambo ry’Uhoraho riraza riciye kuri Hagayi ubugira kabiri ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’uko kwezi nyene, riti: 21“Bwira Zerubabeli umukuru w’intara y’i Buyuda ko ngiye kunyiganyiza amajuru n’isi. 22Nzotembagaza intebe z’ubwami nsangangure ubushobozi bw’amahanga. Nzotembagaza imikogote n’abayigenderako; amafarasi n’abayagenderako bizotemba, umwe wese yicwe n’inkota y’umuvukanyi wiwe.
23‘Kuri uwo musi,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nzogutwara, wewe Zerubabeli umusavyi wanje mwene Sheyalutiyeli,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘maze ndakugire nk’impeta yo ku rutoke rwanje, kuko nagutoranije,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”
Currently Selected:
Hagayi 2: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.