Hagayi 1
1
Hagayi atera intege abantu ngo bubake Ingoro y’Uhoraho
1Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi ari ku ngoma, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatandatu, ijambo ry’Uhoraho ryaciye ku wuvugishwa n’Imana Hagayi ribwirwa Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, na Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru.
2Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Aba bantu bavuga bati: ‘Igihe ntikiragera co gusubira kwubaka Ingoro y’Uhoraho.’ ”
3Maze Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza riciye ku wavugishwa n’Imana Hagayi riti: 4“Mbega iki ni igihe c’uko mwebwe mwibera mu mazu yanyu asharije kandi yubatse neza, ariko Ingoro yanje yoyo ikaguma ari umusaka?”
5None rero uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nimwiyumvire neza ku nzira zanyu. 6Mwateye vyinshi, ariko mwimbuye bike. Murarya, ariko ntimwigera muhaga. Muranywa, ariko ntimwigera mushira inyota. Murambara, ariko ntimushira imbeho. Muronka imishahara mukayishira mu mifuko itobotse.”
7Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nimugenzure inzira zanyu. 8Nimuduge mu misozi muzane ibiti maze mwubake Ingoro yanje, kugira ngo inezereze kandi impeshe icubahiro,” ni ko Uhoraho avuze. 9“Mwari mwiteze kwimbura vyinshi, ariko raba, mwimbuye bike. Ivyo mwashikanye mu ngo ntuma bikeha. Ni kubera iki?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza. “Ni kubera inzu yanje, yagumye ari umusaka, mu gihe umwe wese muri mwebwe yitwararitse kwubaka neza inzu yiwe. 10Nuko rero, kubera mwebwe, ikirere carabimye urume, eka n’isi yarabimye ivyimburwa. 11Nahamagaye uruzuba ngo ruze ku mirima, ku misozi, ku ngano, ku mizabibu, ku mavuta ya elayo ku bindi vyimburwa vyose isi itanga, ku bantu no ku bitungano, no ku vyo mwaruhiye vyose.”
12Nuko Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’amasigarira yose, bumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yabo n’ubutumwa bw’uwavugishwa n’Imana Hagayi, nk’uko Uhoraho Imana yabo yari yamutumye. Abantu bubaha Uhoraho.
13Maze Hagayi, intumwa y’Uhoraho, ashikiriza abantu ubu butumwa buvuye k’Uhoraho buvuga ngo: “Ndi kumwe namwe,” ni ko Uhoraho avuze. 14Nuko Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, umukuru w’intara y’i Buyuda, n’umutima wa Yosuwa mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru, n’umutima w’amasigarira yo mu bantu. Baraza batangura kwubaka Ingoro y’Uhoraho Mushoboravyose, Imana yabo, 15ku musi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira gatandatu.
Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyusi ari ku ngoma,
Currently Selected:
Hagayi 1: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.