Zakariya Intangamarara
Intangamarara
Zakariya yavukiye i Babiloni, hanyuma aba mu bantu batashe i Buyuda bavuye mu kinyago i Babiloni, barongowe na Zerubabeli hamwe n’umuherezi mukuru yitwa Yosuwa mu mwaka wa 538 imbere y’ivuka rya Yesu. Nk’uko vyari bimeze kuri Yeremiya (Yeremiya 1:1) na Ezekiyeli (Ezekiyeli 1:3), Zakariya na we nyene yava mu muryango w’abaherezi. Sekuru Ido (1:1,7) yari yanditswe mu bantu batashe bavuye mu kinyago i Babiloni (Nehemiya 12:4). Igihe Yoyakimu yasubirira Yosuwa mu kuba umuherezi mukuru, Zakariya na we yaciye asubirira sekuru Ido mu kuba umuherezi n’umukuru w’umuryango (Nehemiya 12:12-16), ivyo na vyo bigasa n’aho bigaragaza ko se wiwe Barakiya yoba yapfuye akiri muto cane (1:1,7).
Zakariya yabaye uwuvugishwa n’Imana mu gihe kimwe na Hagayi kandi nk’uko Hagayi yakoze, na we nyene ni ko yakoze mu gutera intege Abayuda ngo basubire k’Uhoraho (1:2-6) no kwongera gusubira kuvyura igikorwa co gusanura urusengero, kuko ibikorwa vyari bimaze imyaka irenga icumi n’itanu bihagaze (4:8-10; Ezira 5:1; 6:14). Ubuvugishwa bwa mbere bwiwe (1:7–6:15) bwagaragaye amezi abiri inyuma y’ubuvugishwa bwa nyuma bwa Hagayi, ni ukuvuga mu kwezi kwa kabiri umwaka wa 519 (1:7), hanyuma ibice 7 na 8 na vyo biboneka mu mwaka wa 518 (7:1). Ubuvugishwa bwo mu gice ca 9 kugeza 14 bushobora kuba ari ubwo mu mwaka wa 480: amajambo y’intangamarara y’ivyo bice aboneka aha hakurikira 12:1 no muri Malaki 1:1.
Igice ca mbere ca kino gitabu (1:7–6:15) kigizwe ahanini n’ivyo yeretswe mw’ijoro incuro umunani, kandi bikaba vyari bifise intumbero yo gutera intege abantu mu bikorwa vyo gusanura urusengero, ariko kandi, mu buryo bw’ikimenyetso, bikaba vyariko bivuga igikorwa gihambaye co muri kazoza Imana izokora bifatiye ku bintu bigaragara umuvugishwa yabona nka: Yerusalemu (2:6), umuherezi mukuru Yosuwa hamwe n’uwo mu ruvyaro rwa Dawidi, yitwa Zerubabeli (3–4), n’urusengero (6:9-15). Mu gice ca nyuma (7–8), aho ashimika mu guhimiriza abantu gukora ivyiza, hagaragara ishusho yo gukomeza umubano mwiza. Mu gice ca nyuma (9–14), umuvugishwa aca agaragaraza ibintu bikomeye bizoranga ibihe vya nyuma: Mesiya azoza, yicaye ku nyana y’indogoba (9:9; Matayo 21:5; Yohana 12:15), ariko bazomwanka, agurishwe ibiceri vy’ifeza mirongo itatu (11:12-13; Matayo 26:15) hanyuma bamwice (13:7; Matayo 26:31; Luka 24:27). Ariko rero bamwe bo mu bantu basanzwe (12:11-14), bazomwemera basubize amaso kuri uwo yacumiswe (12:10; Yohana 19:37) kandi azovamwo isoko yoza umwanda w’ivyaha (13:1; Yohana 19:34-35). Ariko igihe c’imibabaro yindi kizoba kuri Yerusalemu, igihe hazosugerezwa imbere y’uko Uhoraho ahatabara, agacira urubanza amahanga azoba ariko arahagwanya (14:1-7) maze igisagara kigahinduka ntikibe kigisa uko cahora (14:8-21; umurongo wa 11 uravugwa mu Vyahishuriwe Yohana Ivyahishuwe 22:3).
Kimwe mu bintu bitangaje mu gitabu ca Zakariya, ni ingene ubuvugishwa bwinshi bwo mw’Isezerano rya Kera abuhuriza hamwe. “Umusavyi wanje ari we Shami” (Zakariya 3:8) ni we Munago, akongera akaba uwukomoka ku mwami Dawidi yari yitezwe n’abavugishwa benshi (Yeremiya 23:5; 33:15; Yesaya 11:1), kandi akaba “Umusavyi w’Uhoraho,” ni ryo zina yiswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yategerezwa gupfa kugira ngo abere ikimazi ivyaha vy’abantu b’Imana (Yesaya 52:13–53:12). “Mesiya w’ubwiza” hamwe na “Mesiya umunyamibabaro” yose avuga umuntu umwe, kandi ivyo ni vyo Zakariya na we yaciye ashimangira mu kuvuga umwami azoza ari Mesiya asuzuguritse (9:9), ahemukirwa (11:12-13) hanyuma akicwa (12:10). Ariko uwo Musavyi, ari we Munago, azoba kandi ari umuherezi, nk’uko Zaburi zimwezimwe zivyerekana (Zaburi 110:4): azokwubaka urusengero rw’Uhoraho kandi ari Umwami akaba n’Umuherezi, azokwicara ku ntebe aganze (6:12-13). Ubwo buvugishwa bwose bwari butumbereye kuri Yesu Kristo, kandi bwashitse muri we; ivyahora bimeze nk’igitutu bihinduka ishuho nzima ya nyene ico gitutu.
Currently Selected:
Zakariya Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.