Itanguriro 20
20
Aburahamu na Abimeleki
1Nuko Aburahamu arunguruza aja mu bumanuko ahitwa Negebu, amara igihe aba hagati y’ahitwa Kadeshi na Shuri, hanyuma yungururiza ahitwa Gerari. Akiba aho nk’umunyamahanga, 2Aburahamu avuga kuri Sara, abwira abaho ati: “Ni mushikanje!” Nuko Abimeleki, umwami w’i Gerari atuma abantu gutora Sara bamujana ku kirimba iwe.
3Ariko Imana yiyerekera Abimeleki mu ndoto, iramubwira iti: “Ntugenda udapfuye kubera uwo mugore wazanye, kuko afise umugabo.”
4Ariko Abimeleki ntiyari bwaryamane na we. Nuko aravuga ati: “Mwami, urashobora kurandura ihanga ata co ryagirizwa? 5Si Aburahamu ubwiwe yambwiye ati: ‘Ni mushikanje’? Kandi na we ubwiye yavuze ati: ‘Egome, ni musazanje.’ Ibi nabikoze ata co niyagiriza, kandi nta kibi nakoze.”
6Imana imwishurira mu ndoto iti: “Egome, ndazi ko wabikoze ata co wiyagiriza, kandi ni jewe nakubujije kuncumurako. Ni co gituma ntakwemereye ko umukorako. 7Ubu rero subiza uwo mugore umugabo wiwe, kuko ni uwuvugishwa n’Imana, aca agusengera kugira ngo ntupfe. Ariko nutamusubiza umugore wiwe, umenye neza ko wewe n’abawe bose muzopfa.”
8Nuko Abimeleki avyuka mu gitondo, akoranya abaganwa biwe arabibabwira, na bo bagira ubwoba bwinshi. 9Abimeleki ahamagara Aburahamu aramubaza ati: “Ibi wadukoreye ni ibiki? Ni ikihe kibi nagukoreye cotuma unkoresha jewe n’ubwami bwanje icaha kingana gityo? Wakoze ibidakorwa imbere yanje.” 10Abimeleki abaza Aburahamu ati: “Ni igiki caguteye gukora ivyo?”
11Aburahamu aramwishura ati: “Nibwiye mu mutima nti: ‘Abantu b’aha hantu ntibatinya Imana. Bazohava banyica kugira ngo batware umugore wanje.’ 12Ariko kandi ni mushikanje, kuko dusangiye data, ariko ntidusangiye mama; uko ni ko yabaye umugore wanje. 13Igihe Imana yampamagara ngo mve mu nzu ya Data nkaba ingenzi, namubwiye nti: ‘Ndakwingize uze unyereke urukundo unkunda muri ubu buryo: ahantu hose tuzoja, uze ubwire abaho ko ndi musazawe.’ ”
14Nuko Abimeleki afata intama, impene n’inka, abagurano b’abagabo n’abagore abiha Aburahamu, amusubiza na Sara umugore wiwe. 15Abimeleki aramubwira ati: “Igihugu canje kiri imbere yawe; hitamwo aho ushaka kuba.”
16Abwira Sara ati: “Musazawe ndamuhaye shekeli igihumbi#20:16 Ni nk’ibiro 12. z’ifeza. Ni ikimenyetso c’uko ata co wagirizwa imbere y’abari kumwe nawe bose. Kandi usubijwe iteka ryawe imbere ya bose.”
17Nuko Aburahamu asenga Imana, na yo ikiza Abimeleki, umugore wiwe n’abagurano b’abagore biwe kugira ngo bashobore kuvyara, 18kuko Uhoraho yari yamaze gutuma abagore bose bo mu nzu ya Abimeleki baba ingumba ku bwa Sara, umugore wa Aburahamu.
Currently Selected:
Itanguriro 20: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.