Itanguriro 21
21
Ivuka rya Isaka
1Umusi umwe, Uhoraho yibuka Sara, amukorera ico yari yaramusezeraniye. 2Sara atwara inda, avyarana na Aburahamu umwana w’umuhungu mu butama bwiwe. Ivyo vyashitse igihe Imana yari yaravuze ko bizoberako. 3Uwo mwana Aburahamu yavyaye kuri Sara amwita Isaka. 4Haheze imisi umunani Isaka avutse, Aburahamu aramukeba, nk’uko Imana yari yaramutegetse. 5Aburahamu yari amaze imyaka ijana igihe Isaka yavuka.
6Sara aravuga ati: “Imana irantwengeje. Umuntu wese azovyumva azotwengana nanje.” 7Yongerako ati: “Ni nde yobwiye Aburahamu ko Sara azokwonsa umwana? None raba ndamuvyariye umuhungu mu butama bwiwe!”
Hagari na Ishimayeli birukanwa
8Nuko Isaka arakura hanyuma Sara aramucutsa. Umusi yacukiyeko, Aburahamu ategura umusi mukuru ukomeye. 9Ariko Sara abonye Ishimayeli wa muhungu Aburahamu yavyara kuri Hagari Umunyegiputakazi ariko arakina na Isaka umwana wiwe, 10aca abwira Aburahamu ati: “Irukana urya muguranokazi n’umuhungu wiwe. Umuhungu w’uwo muguranokazi ntazosangira iragi n’umwana wanje Isaka.”
11Ivyo bibabaza Aburahamu cane kuko Ishimayeli na we yari umwana wiwe. 12Ariko Imana ibwira Aburahamu iti: “Ntubabazwe n’ivy’urya mwana n’umuguranokazi wawe. Kora ivyo Sara akubwira vyose, kuko uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka. 13Ariko uruvyaro rw’umuhungu w’incoreke yawe na rwo nzorugira ihanga, kuko na we ni umwana wawe.”
14Bukeye, Aburahamu avyuka kare mu gitondo, ategura ivyokurya n’umukuza w’urusato wuzuye amazi abiha Hagari. Yongera afata wa mwana amushira ku mugongo wa Hagari, aramurungika. Hagari aca afata inzira, agenda arayerera mu bugaragwa bwa Berisheba.
15Ya mazi yari mu mukuza w’urusato aheze, aca afata umwana amushira mu gitutu musi y’agasaka, 16na we aragenda yicara hirya, nk’ahoshika umwampi urashwe, kuko yavuga ati: “Sinshaka kubona umwana wanje apfa.” Ni ko kwicara hirya maze araturika ararira.
17Ariko Imana yumva ijwi rya wa mwana arira, hanyuma umumarayika w’Imana ahamagara Hagari ari mw’ijuru ati: “Ubaye iki ga Hagari? Ntutinye! Imana yumvise ijwi ry’urya mwana aririra aho ari. 18Subira aho ari umuhagurutse, hanyuma umufate ukuboko, kuko uruvyaro rwiwe nzorugira ihanga rikomeye.”
19Nuko Imana yugurura amaso ya Hagari, abona iriba ry’amazi. Aca aragenda yuzuza wa mukuza w’urusato amazi, aha umwana wiwe amazi yo kunywa.
20Nuko Imana ibana na we mu gukura kwiwe, aba umuhinga mu kurasisha umuheto. 21Yaba mu bugaragwa bw’i Parani, maze nyina amuronderera umugore ava muri Egiputa.
Amasezerano y’i Berisheba
22Muri ico gihe Abimeleki ajana na Pikoli, umukuru w’ingabo ziwe, abwira Aburahamu ati: “Biragaragara ko Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose. 23Ubu rero ndashaka undahire mw’izina ry’Imana ko utazokwigera umpemukira, jewe, abana banje canke uruvyaro rwanje; ko uzonyereka ubuntu, jewe n’iki gihugu wabayemwo uri umunyamahanga, nk’uko nanje nakweretse ubuntu.”
24Aburahamu aramwishura ati: “Ndakurahiye.”
25Hanyuma Aburahamu yidoga ari kumwe na Abimeleki ku bijanye n’iriba abakozi ba Abimeleki bari baramutwaye ku nguvu. 26Abimeleki aravuga ati: “Sinzi uwabikoze. Wewe nta co wabimbwiyeko, ndavyumvise uno musi.”
27Nuko Aburahamu aha Abimeleki intama, impene n’inka; bagirana amasezerano. 28Aburahamu atoranya kandi intama zivyara indwi mu mukuku wiwe. 29Abimeleki aramubaza ati: “Ni kuki utoranije izo ntama mu zindi?”
30Aburahamu aramwishura ati: “Ndakwinginze wakire izi ntama indwi nk’ikimenyetso c’uko ari jewe nimvye iryo riba.”
31Ni co gituma aho hantu hitwa Berisheba, bisigura “iriba ry’indahiro”, kuko ari ho barahiriye uko ari babiri.
32Bahejeje kugiranira amasezerano i Berisheba, Abimeleki na Pikoli, umukuru w’ingabo ziwe, baragenda basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. 33Nuko Aburahamu atera igiti citwa tamarisi i Berisheba, ahasengera Uhoraho, Imana yamaho. 34Aburahamu amara igihe kirekire aba muri ico gihugu c’Abafilisitiya.
Currently Selected:
Itanguriro 21: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.