Imana imwishurira mu ndoto iti: “Egome, ndazi ko wabikoze ata co wiyagiriza, kandi ni jewe nakubujije kuncumurako. Ni co gituma ntakwemereye ko umukorako. Ubu rero subiza uwo mugore umugabo wiwe, kuko ni uwuvugishwa n’Imana, aca agusengera kugira ngo ntupfe. Ariko nutamusubiza umugore wiwe, umenye neza ko wewe n’abawe bose muzopfa.”