YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 27

27
Pawulo Ajanwa i Roma
1Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Juliyusi, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari. 2Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.
3Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Juliyusi, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye. 4Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere. 5Tumaze kurengana akarere kari hagati ya Kilikiya na Pamfiliya, duca twururukira i Mura muri Lukiya. 6Wa mukuru w’abasoda ijana aca asanga hari ubwato bwo muri Alegizanderiya buja mu Butaliyano, aca arabutwuriza. 7Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinida bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kireti rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga. 8Nuko tugenda twisunze urwo ruhande bitugoye, dushika ahantu hitwa Ibivuko Vyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.
9Aho twahataye umwanya munini, kandi kubandanya urugendo kwari nk’ukwiheba kuko hari inyuma y’umusi mukuru w’impongano#27:9 Uwo musi mukuru witwa Yomu Kipuru. Bawuhimbaza mu mpera z’ukwezi kw’icenda canke mu ntango z’ukw’icumi. Muri ico gihe, ingendo zo mu kiyaga zabamwo impanuka nyinshi kubera imiyaga n’imbeho.. Pawulo aburira abantu ati: 10“Bagenzi, ndabona ko uru rugendo ruja kubamwo ingorane nyinshi, n’ubuhombe bwinshi ku bwato, ku vyo butwaye, ndetse no ku buzima bwacu.” 11Ariko wa mukuru w’abasoda ijana aho kwumviriza Pawulo, yumviriza uwugendesha ubwato na nyenebwo. 12Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe cose c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kireti caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.
Igihuhusi mu kiyaga
13Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kireti. 14Tutarashika kure, haduka igihuhusi gikomeye citwa Ewulakuloni kiza giturutse kuri iryo zinga. 15Maze ubwato butangirwa n’umuyaga, ntivyakunda ko bubandanya. Duca turareka umuyaga udutwara iyo ushaka. 16Duca tugenda twegereye izinga rito ryitwa Kawuda kugira ngo dushobore kwikinga umuyaga, twiyegereza akato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka bitugoye cane. 17Bamaze kukaduza mu bwato, baca bakabohesha imigozi. Kubera batinya ko bwohava bubajana mu musenyi ushaya w’ahitwa Suriti muri Libiya, baca barekurira mu kiyaga icuma kiremereye kiboheye ku migozi, hanyuma barareka umuyaga ukubeba ubwato ubujana iyo ushaka. 18Nuko tuba muri ako kaga ko kuzungagizwa n’ibihuhusi kugeza aho ku musi ukurikira batangura guta mu mazi bimwe mu vyari mu bwato. 19Ku musi ugira gatatu, bo nyene baterera mu mazi ibikoresho bimwebimwe ubwato bukenera. 20Haheze imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri tubonye, kandi imipfunda iguma isuriranya, tugera aho dutakaza ivyizigiro vyo gukira.
21Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo avuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kireti. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo. 22Ubu rero ndabasavye mugumye imitima, kuko ata n’umwe muri mwebwe azotakaza ubuzima; ubwato bwonyene ni bwo buzosaba. 23Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande 24ambarira ati: ‘Ntutinye Pawulo we! Utegerezwa kuzoburanira imbere ya Kayisari; kandi kubera wewe, Imana izozigama ubuzima bw’abo muri kumwe bose.’ 25Nuko rero bagenzi, nimugumye imitima, kuko ndizera ko Imana izobishitsa nk’uko yabimbwiye. 26Ariko rero, hariho izinga rimwe ubu ubwato buzosabirako.”
Ubwato busaba
27Mw’ijoro ry’umusi ugira cumi na kane, twari tugikubebwa n’umuyaga mu Kiyaga ca Adiriya. Nko mu gicugu, abagendesha ubwato bumva ko umenga turegereje umusozi. 28Bagera uburebure bw’amazi gushika hasi musi y’ubwato, basanga ni nk’ingero ijana na mirongo ibiri#27:28 Ni nk’imetero 37.. Haheze akanya barasubira basanga ni nk’ingero mirongo icenda#27:28 Ni nk’imetero 27.. 29Batinye ko ubwato bwohava bwiseka ku mabuye, baca barekurira mu mazi ivyuma bine biremereye biboheye ku migozi bibuza ubwato kugenda bibohewe ku bwato inyuma, bipfuza kubona bukeye. 30Maze abatwara ubwato bagerageza gutoroka ngo babuvemwo, bururutsa ka kato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka, babesha ngo bagiye kurekurira mu mazi ivyuma vy’imbere na vyo. 31Maze Pawulo abwira wa mukuru w’abasoda ijana ati: “Abo batagumye mu bwato ntimushobora kurokoka.” 32Maze abasoda baca bacagagura imigozi yari iboshe ako kato gaca gakorokera mu kiyaga karatwarwa.
33Bugiye guca, Pawulo yinginga abantu bose ngo bagire ico barya. Ababwira ati: “Raba haciye imisi cumi n’ine mwihebuye ata co mutamira. 34None rero ndabasavye murabe ico murya, kugira ngo mubeho; kuko nta n’umwe muri mwebwe azotakaza n’agashatsi ko ku mutwe wiwe.” 35Avuze ivyo, afata umukate awushimira Imana imbere yabo, arawumanyagura, aca atangura kurya. 36Bose baca bararema, na bo batangura kurya. 37Abari muri ubwo bwato twese hamwe twari abantu amajana abiri na mirongo indwi na batandatu. 38Bamaze kurya bagahaga, baca bata ingano mu kiyaga kugira ngo baremurure ubwato.
39Bukeye ntibashobora kumenya iyo ntara barimwo iyo ari yo, ariko babonye ahantu hari umusenyi ku nkengera y’ikiyaga, bafata ingingo yo gutumberezayo ubwato ngo babuhagarikeyo hamwe bibashobokeye. 40Nuko bacagagura ya migozi yari ifashe vya vyuma, babirekurira mu mazi, babohora n’imigozi yari iboshe ingafe, baduza igihuzu c’imbere kugira ngo umuyaga usunike ubwato ubujana imbere, basoza batumbereye ku musenyi wo ku nkengera. 41Ariko ubwato buca bwiseka mu musenyi mwinshi burahagarara, umutwe wabwo uruma mu musenyi, igihande c’inyuma na co kirasaba kubera imipfunda yacisekako n’inkomezi nyinshi.
42Abasoda baca baja inama yo kwica imbohe zose kugira ngo ntihagire izoga ngo zihunge zibacike. 43Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi. 44Abasigaye baca bogera ku mbaho n’ibimanyu vy’ubwato, gutyo bose bashika impore i musozi.

Currently Selected:

Ivyakozwe 27: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in