Ivyakozwe 28
28
Dushika kw’izinga ryitwa Malita
1Tumaze kurokoka impore tugashika ku musenyi, duca tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita. 2Abantu baba kuri ryo batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye. 3Maze Pawulo yegeranya umukama w’inkwi awushira ku muriro, haca havamwo inzoka y’ikimata ibabuwe n’uwo muriro imukomora ku kuboko kandi ikumatako. 4Abantu bo muri iryo zinga babonye ico kiyoka cenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko raba n’aho yari akize ikiyaga, ubutungane bwo ntibumwereye ko abaho.” 5Pawulo aca akunkumurira ico kiyoka mu muriro, kandi ubumara bwaco ntibwagira ico bumugira. 6Abantu bari biteze ko aca avyimba canke agapfa ubwo nyene. Ariko barindiriye umwanya muremure bakabona nta co abaye, baca barahindura batangura kuvuga ko Pawulo ari imana.
7Hafi y’aho hari itongo ry’umukuru w’iryo zinga yitwa Pubiliyo. Na we atwakirana ubugwaneza, aduha indaro, tuhamara imisi itatu. 8Se wa Pubiliyo yari agwaye inyonko n’amacinya, arembeye ku buriri. Nuko Pawulo yinjira aho ari aramusengera amurambitseko ibiganza, aca arakira. 9Ivyo bibaye, abarwayi bose bo kuri iryo zinga baca baraza Pawulo arabasengera, barakira. 10Maze ivyo bibaye, baduha icubahiro cinshi, hanyuma hageze ko tugenda badutekerera ivyo tuzokenera vyose mu rugendo.
Dushika i Roma
11Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi. 12Dushitse i Sirakusi tuhamara imisi itatu. 13Tuhavuye, twaciye tubandanya dushika i Regiyo. Bukeye, umuyaga w’i bumanuko urahuhuta, maze mu misi ibiri tubona gushika i Puteyoli. 14Aho twahasanze bene Data, baca baratwakira badusaba ko twomarana na bo imisi indwi. Hanyuma turabandanya dushika i Roma. 15Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira ku Kaguriro kari kw’ibarara ryitiriwe Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu Zitatu z’Ingenzi. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima. 16Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.
Pawulo yigishiriza i Roma ari imbohe
17Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma. 18Bamaze gutohoza neza ivyanje, bipfuza kundekura kuko ata kibi na kimwe canyagira cari gutuma nicwa. 19Maze mbonye ko Abayuda banse ingingo yo kundekura, nca nitwara kuri Kayisari. Ariko ntivyari bitumwe nuko ngomvye kuburanya ubwoko bwanje. 20Ni co gituma nabinginze ngo muze kugira ngo tuganire, ndabamenyeshe ko mbohewe ivyizigiro ubwoko bw’Abisirayeli bwari bwiteze.”
21Baca baramwishura bati: “Nta kete na rimwe twigeze turonka rivuye i Yudaya rivuga ivyawe, kandi nta wo muri benewacu n’umwe yaje ava hariya ngo atubwire ikibi na kimwe kuri wewe. 22Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”
23Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’Ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana. 24Bamwe bemera ivyo ababariye, abandi banka kuvyizera. 25Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:
26‘Genda ubwire ubwo bwoko uti:
Kwumva muzokwama mwumva ariko ntimuzokwigera mutahura,
kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
27Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye;
amatwi yabo ntashobora kwumva,
kandi amaso yabo barayahumiriza.
Ahandi ho bobonesheje amaso yabo,
bakumvisha amatwi yabo,
bagatahurisha imitima yabo,
maze bagahindukira nanje nkabakiza.’#28:27 Yesaya 6:9,10
28Nuko rero nimumenye ko ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga bagashikirijwe, kandi bo bazokakira.” [ 29Abayuda bumvise ayo majambo, basubira inyuma bayaharirako cane.]#28:29 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
30Pawulo aca amara imyaka ibiri yibana mu nzu akose, akama yakira abaza kumuraba bose. 31Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.
Currently Selected:
Ivyakozwe 28: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.