Ivyakozwe 26
26
1Agiripa na we abarira Pawulo ati: “Urahawe uburenganzira bwo kwiregura.”
Pawulo aca aramvura ukuboko, atangura kwiregura, avuga ati: 2“Mwami Agiripa, ngiriwe ubuntu bwo guhagarara imbere yawe uno musi, niregura ku vyo nagirizwa n’Abayuda, 3na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.
4Abayuda bose barazi ingene nabayeho kuva nkiri umwana, ingene nakuze haba mu gihugu navukiyemwo canke i Yerusalemu. 5Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo y’idini ryacu. 6Kandi igitumye mpagaze imbere y’ubucamanza uwu musi, ni kubera nizigiye ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza. 7Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza. 8Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?
9Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyanazareti. 10Kandi ivyo narabikoze i Yerusalemu. Nahawe ububasha n’abaherezi bakurubakuru bwo gufata abizera no kubata mw’ibohero; kandi mu kubacira urwo gupfa, nari mu bavyemeza. 11Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri ukwo kwuzura ishaka ribi nyene ryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahama no kubahigayo.
12Umusi umwe nari ngiye muri ivyo bikorwa nyene i Damasiko, nari nahawe ububasha kandi ntumwe n’abaherezi bakurubakuru. 13Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe. 14Twese duca tugwa hasi, maze numva ijwi rimbarira mu Giheburayo riti: ‘Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki? Wibabariza ubusa kuko uriko utera imigere ku macumu.’
15Nanje nca ndamubaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’
Na we ati: ‘Ndi Yesu uwo uriko urahama. 16None rero va hasi uhagarare, kuko ndakwiyeretse kugira ngo ndagutume nk’umukozi wanje, kandi nk’icabona co gushingira intahe ivyo wambonyeko n’ivyo nzokwereka. 17Nzokurokora mu maboko y’ubwoko bwawe no mu maboko y’Abanyamahanga, abo ndagutumyemwo, 18kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’
19None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru. 20Natanguriye kubwira ab’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo. 21Ico ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero bakagomba kunyica. 22Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika, 23ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga.”
24Ageze aho, Fesitusi aca amuciramwo arasemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”
25Pawulo asubizayo ati: “Nyenicubahiro Fesitusi, sinasaze. Ivyo ndiko ndavuga ni ukuri kandi biratahuritse. 26Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero. 27Mwami Agiripa, mbega ntiwizera ivyo abavugishwa bavuze? Ndazi ko uvyizera.”
28Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kunyemeza nkaba Umukristo?”
29Pawulo asubizayo ati: “Umwanya waba muto canke munini, nta co bitwaye. Ico nsaba Imana ni uko atoba wewe gusa, ariko n’abariko baranyumviriza bose uwu musi bomera nkanje, uretse kuba muri iyi minyororo.”
30Umwami, umukuru w’intara na Berenise n’abari bicaranye na bo baca barahaguruka, baragenda. 31Bavuye muri iyo sentare, bagenda baraganira, bavuga bati: “Uwu muntu nta co yakoze cotuma yicwa canke ngo ashirwe mw’ibohero.”
32Agiripa abarira Fesitusi ati: “Iyaba atari yaramaze kwungururiza kwa Kayisari, yaca arekurwa.”
Currently Selected:
Ivyakozwe 26: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.