YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 25

25
Pawulo aburana imbere ya Fesitusi
1Inyuma y’imisi itatu Fesitusi ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu, 2abonana n’abaherezi bakurubakuru n’abatware b’Abayuda, na bo bamushikiriza ivyo barega Pawulo. 3Maze binginga Fesitusi ngo abagirire neza mu kwemera kwimurira Pawulo i Yerusalemu. Ivyo vyaterwa n’uko bari baramaze gutegura ingene boca bamutegerera mu nzira bakamwica. 4Fesitusi arabishura ati: “Pawulo apfungiwe i Kayisariya, kandi nanje ndi mu gusubirayo vuba. 5Nihagire bamwe mu barongozi banyu baza tujane, bamwagiririze hariya, nimba hari ikibi yakoze.”
6Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo. 7Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.
8Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: “Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.”
9Kubera Fesitusi yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: “Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?”
10Pawulo arishura ati: “Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza. 11Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kunshira mu maboko y’aba Bayuda. Nsavye ko urubanza rwanje rwungururizwa kwa Kayisari.”
12Fesitusi amaze gukebukana n’abajenama biwe, aca avuga ati: “Ko witwaye kwa Kayisari, uzoburanira kwa Kayisari.”
Fesitusi na Agiripa bavugana ivya Pawulo
13Haheze imisi mikeya umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesitusi. 14Kubera bamaze imisi myinshi ngaho, Fesitusi aca aronka akaryo ko kuganira n’uwo mwami ivya Pawulo. Avuga ati: “Hano hari umugabo Felisi yasize ari imbohe. 15Igihe naja i Yerusalemu, abaherezi bakurubakuru n’abakuru b’Abayuda, baramwitwariye bashaka ko ndamutsindisha.
16Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza. 17Abamwagiriza bashitse hano, sinatebeje urubanza, ku musi ukurikira, naciye nicara ku ntebe y’imanza, ndengutsa n’uwo mugabo. 18Abamwagiriza barahagurutse ngo bavuge, ntibamwagirije icaha na kimwe mu vyo nari niteze. 19Ariko bari bafise ivyo bapfa na we bijanye n’idini ryabo hamwe n’umugabo yapfuye yitwa Yesu, ariko Pawulo we yemeza ko ari muzima. 20Jewe sinabona uko noca urwo rubanza, ni co gituma nasavye ko Pawulo yoja i Yerusalemu kugira ngo uburanire yo kuri ivyo bamwagiriza. 21Ariko Pawulo we yasavye ko urubanza rwiwe rwokwungururizwa kwa Kayisari, naciye ntegeka ko aguma apfungiwe ngaha gushika ndamurungitse.”
22Agiripa aca abwira Fesitusi ati: “Nanje ndashaka kwiyumvira uwo muntu.”
Aramwishura ati: “Ejo uzomwiyumvira.”
Pawulo arenguka imbere ya Agiripa
23Ku musi ukurikira, Agiripa na Berenise baza bari kumwe n’abagendanyi benshi, binjira muri sentare baherekejwe n’abasoda bakurubakuru hamwe n’abubahwa bo muri ico gisagara. Fesitusi aca ategeka ko bazana Pawulo. 24Fesitusi avuga ati: “Mwami Agiripa, namwe mwese mukoraniye ngaha, murabona uwu mugabo! Abayuda bose baranyitwayeko bambwira ivyiwe haba i Yerusalemu canke ngaha i Kayisariya, basemerera ko adakwiye kwongera kubaho. 25Mugabo, jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba ko urubanza rwiwe rwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma. 26Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari. 27Ntibibereye ko ndungika imbohe nterekanye ico yagirizwa.”

Currently Selected:

Ivyakozwe 25: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in