Ivyakozwe 24
24
Pawulo acirwa urubanza imbere ya Felisi
1Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya amanuka i Kayisariya ari kumwe n’abatware n’umucamanza yitwa Teritulo, bazana ibirego barega Pawulo kuri wa mukuru w’intara. 2Pawulo arengukijwe, Teritulo atangura kumwagiriza avuga ati: “Nyakwubahwa, tumaze igihe kirekire turi mu mahoro kubera intwaro yawe nziza, kandi ubwenge bwawe bwatumye hahinduka vyinshi mu gihugu cacu. 3Muri vyose na hose ga nyakwubahwa Felisi, turabigushimira bivuye ku mutima. 4Ariko ntiriwe ndakwicisha amajambo, ndakwinginze utugirire ubuntu utwumvirize akanya gato.
5Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari hose kw’isi akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti, 6kandi yagerageje no guhumanya urusengero, maze turamufata. [Twashaka kumucira urubanza twisunze ivyagezwe vyacu, 7ariko Lusiyasi umukuru w’abasoda araza amudushikura mu maboko ku nguvu, 8ategeka ko abamwagiriza baza kukwitura.]#24:8 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. Nawe niwamwibariza uraza gusanga ivyo tumwagiriza ari ukuri.”
9Maze abandi Bayuda baca bahuriza hamwe mu kwemeza ko ivyo Teritulo avuze vyose ari ukuri.
10Wa mukuru w’intara ahaye ijambo Pawulo ngo avuge, yiregura avuga ati: “Ndazi ko haheze imyaka myinshi ucira imanza abo muri iki gihugu; ni co gituma nezerejwe no kwiregura imbere yawe. 11N’aho wotohoza, wosanga ata misi cumi n’ibiri iheze ngiye i Yerusalemu gusenga. 12Aba bariko baranyagiriza ntibigeze basanga ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe, canke ngo ngumure abantu haba mu rusengero, mu masinagogi, canke ahandi aho ari ho hose muri ico gisagara. 13Aba bantu ntibashobora kwerekana ivyemeza ivyo bariko baranyagiriza. 14Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nkurikiza inzira, abo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo Ivyagezwe vyigisha vyose hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana. 15Mfise ivyizigiro mu Mana, co kimwe n’ivyo aba bantu bafise, ko hazobaho ukuzuka kw’abagororotsi n’abanyakibi. 16Ni co gituma nkora ibishoboka vyose kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.
17Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi. 18Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari. 19Ariko hari bamwe mu Bayuda bo muri Aziya. Ni bo bari kuza imbere yawe bakagira ico bavuze hamwe boba bafise ico banyagiriza. 20Canke abari ngaha, nibavuge icaha basanze kinyagira igihe narengutswa imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda, 21uretse iki kimwe ko nasemereye mpagaze imbere yabo mvuga nti: ‘Aha ndiko ncirwa urubanza kuko nizera ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.’ ”
22Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’iyo Nzira, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.” 23Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.
24Haheze imisi myinshi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila, yari Umuyudakazi, atumako Pawulo kugira ngo amwumvirize avuga ivy’ukwizera Kristo Yesu. 25Pawulo ariko aravuga ivyerekeye ukugororoka, ukwirinda n’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.” 26Kubera yari yiteze ko Pawulo ashobora kumuha igiturire, yama amutumako kenshi bakaganira.
27Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesitusi, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.
Currently Selected:
Ivyakozwe 24: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.