Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo. Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.