YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 1

1
Intangamarara
1Yewe Teyofilo, mu gitabu ca mbere nanditse, navuze ivyo Yesu yakoze n’ivyo yigishije vyose kuva mu ntango y’igikorwa ciwe, 2gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje guha amategeko, mu bushobozi bwa Mpwemu Yera, intumwa yari yatoranije. 3Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana. 4Umusi umwe, abigishwa bakoraniye hamwe, Yesu abaha iri tegeko ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira. 5Kuko Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”
6Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: “Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ubwami bwa Isirayeli?”
7Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe n’imisi kuko Data ari we yabishizeho mu bubasha bwiwe. 8Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”
9Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramufuka, ntibaba bakimubona.
10Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu yera, bahagarara i ruhande yabo. 11Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”
Matiyasi asubirira Yuda
12Nuko baca bava kuri uwo Musozi wa Elayono, basubira i Yerusalemu; ni urugendo rungana hafi ikilometero kimwe. 13Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba:
Petero, Yohana, Yakobo, Andereya,
Filipo, Toma,
Baruteremi, Matayo,
Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.
14Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.
15Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri), 16ababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi. 17Yuda yari umwe muri twebwe, kandi twari dusangiye igikorwa.”
18(Ingero Yuda yahawe kubera ikibi yakoze yaguzwemwo itongo kandi ni ryo yaguyemwo, akoroka atanguje umutwe, inda yiwe irasaba, amara arasanzara. 19Ababa i Yerusalemu bose bamenye iyo nkuru, baca bita iryo tongo Akelodama, bisobanurwa ngo Itongo ry’amaraso.)
20Petero avuga ati: “Mu gitabu ca Zaburi handitswe ngo:
‘I muhira iwe haze habe umusaka,
ntihagire n’umwe azohaba.’#1:20 Zaburi 69:25
Kandi ngo:
‘Aze asubirizwe mu mabanga yiwe y’uburongozi.’#1:20 Zaburi 109:8
21Ni co gituma dukwiye gutora umwe mu bo twabanye mu gihe cose Umwami Yesu yagendanye natwe, 22uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”
23Nuko baca batanga amazina y’abantu babiri ngo batoremwo umwe. Umwe yari Yosefu bita Barusaba (akongera akitwa Yusito), uwundi yari Matiyasi. 24Nuko barasenga, bavuga bati: “Ewe Mwami Imana, ni wewe uzi imitima y’abantu bose. None rero uwo utoranije muri aba babiri, 25kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.” 26Nuko bagira ubupfindo, Matiyasi aba ari we atorwa, aca yongerwa kuri bamwe cumi n’umwe.

Currently Selected:

Ivyakozwe 1: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy