YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 2

2
Mpwemu Yera aza ku ntumwa
1Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe. 2Ubwo nyene haza igihinda kivuye mw’ijuru kimeze nk’umuyaga mwinshi w’igihuhusi, cuzura mu nzu barimwo. 3Baca babona ibimeze nk’imbeya z’umuriro zitandukanije, zica zija kuri umwe umwe wese. 4Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.
5Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari baje bava mu mahanga yo musi y’ijuru. 6Bumvise urwamo, baca basidukana n’iyonka, baratangara cane kuko umwe wese yumva abizera bavuga ururimi rwiwe. 7Nuko barabazanya bati: “Aba bantu bose bariko baravuga si Abanyagalilaya? 8None bigenda gute ngo umwe umwe wese muri twebwe yumve bavuga ururimi kavukire rw’iwabo? 9Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya, 10i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma 11(bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakirete, n’Abarabu. Kandi twese turabumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.” 12Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”
13Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.”
Petero yigisha isinzi ry’abantu
14Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari aho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye. 15Aba bantu ntibaborewe nk’uko muvyiyumvira. Raba haracari isaha zitatu z’igitondo. 16Ibi ni ivyari vyaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli, aho yavuga ati:
17‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma
nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose;
abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje,
n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe,
abatama banyu bazorota inzozi.
18N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,
muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje
kandi bazovugishwa nanje.
19Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru
n’ibimenyetso hasi kw’isi:
amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi.
20Izuba rizohinduka umwijima,
ukwezi guhinduke amaraso,
imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza.
21Kandi umuntu wese
azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’#2:21 Yoweli 2:28-32
22Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi. 23Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba. 24Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya. 25Dawidi yaramuvuzeko ati:
‘Namye mbona Uhoraho imbere yanje.
Kuko ari i buryo bwanje,
sinzonyiganyizwa.
26Ni co gituma umutima wanje unezerewe,
ururimi rwanje rugahimbarwa,
n’umubiri wanje ukaruhukana ivyizigiro,
27kuko utazorekera umushaha wanje
mu kibanza c’abapfuye,
canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.
28Wamenyesheje inzira y’ubugingo,
uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe.’#2:28 Zaburi 16:8-11
29Bene Data, ndashobora kubabwira ntakekeranya ko sogokuruza wacu Dawidi yapfuye agahambwa, kandi n’imva yiwe iracari hano gushika uwu musi. 30Yari umuvugishwa w’Imana kandi yari azi ko Imana yari yaramusezeraniye ishizeko n’indahiro ko izokwimika ku ngoma yiwe umwe mu ruvyaro rwiwe. 31Yeretswe ivyo muri kazoza, avuga ivy’ukuzuka kwa Kristo, ko atarekewe i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kandi ko n’umubiri wiwe utaboze. 32Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe. 33None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva. 34Dawidi ntiyaduze mw’ijuru, ariko ni we yavuze ati:
‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati:
Icara i buryo bwanje
35kugeza abansi bawe bose
ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’#2:35 Zaburi 110:1
36Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”
37Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”
38Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera. 39Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”
40Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.” 41Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.
Uko abizera bari babayeho
42Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga. 43Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa. 44Abizera bose baba hamwe kandi basangira ivyabo vyose. 45Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bivanye n’ubukene bw’umwe umwe wese. 46Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. 47Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Currently Selected:

Ivyakozwe 2: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy