YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe Intangamarara

Intangamarara
Igitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa ni igice ca kabiri c’ivyanditswe na Luka, gikurikira ubutumwa bwiza. Umwanditsi abandaniriza aho yari ageze mu gitabu c’ubutumwa bwiza, avuga inkuru itomoye (1:3), inyuma y’amatohoza akomeye. Muri iki gitabu avuga ingene ishengero rukristo ryatanguye. Luka ubwiwe yarabaye icabona yongera aragira ico akoze: aravuga ko na we yarimwo kuri 16:10.
Luka avuga ingene ishengero ryagiye rirakura mu micungararo y’ikiyaga Mediterane, hisunzwe urutonde Kristo yasize atanze imbere yuko aduga mw’ijuru: maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi (1:8).
Ishengero ryavukiye i Yerusalemu ku musi wa Pentekote, igihe intumwa zahabwa Mpwemu Yera yari yarasezeranywe. Naho hari ihamwa ritewe n’Abayuda n’ingorane zaja ziraduka muri ryo, ishengero ryarakuze mu mwanya muto. Ico gihe intumwa Petero ni we yari imbere y’izindi ntumwa (2–7).
Inyuma y’ihamwa ryahitanye umumaratiri wa mbere, Sitefano (7), ishengero ryashwiragiriye i Yudaya, n’i Samariya rica ribwira Ubutumwa Bwiza abo bahuye bose (8–13) harimwo Abasamariya, Umunyetiyopiya yariko ararengana n’umusoda mukuru w’Umuroma. Umwami Yesu aca ahishurira Petero ko agakiza ari ak’abanyamahanga na bo (10).
Mu nzira ija i Damasiko, Umufarisayo yitwa Sawuli w’i Taruso, yahama ishengero, arihana, ahabwa itegeko na Kristo yazutse ryo kubwira ubutumwa abatari Abayuda (9:15). Uwo ni we yahavuye ahabwa igikorwa co kuba icabona ca Yesu Kristo gushika ku mpera z’isi (13–28).
Igice ca kabiri c’iki gitabu kivuga ku ngendo zitatu zo kujana Ubutumwa Bwiza Sawuli, yahavuye yitwa Pawulo, yagize mu karere k’ikiyaga Mediterane: Kupuro, Makedoniya, Bugiriki, Aziya ntoya, gushika aho afatiwe i Yerusalemu (20). Kuva ico gihe, Pawulo abandanya ibikorwa vyiwe, ariko ari mw’ibohero, ubwa mbere i Yerusalemu, hanyuma i Kayisariya, gushika n’i Roma aho yaba ariko adafise umwidegemvyo wose.
Inkuru igarukira aho.
Ukwo gukwiragiza Ubutumwa mu buryo budasanzwe kandi bw’igitangaza ntikwakozwe n’intumwa n’abo bakorana gusa. Cari igikorwa kandi ca Mpwemu Yera we atuma ishengero rikura. Ivyo Luka abivuga incuro mirongo itandatu na zibiri. Ukwo kwerekana igikorwa ca Mpwemu Yera mu buzima bw’ishengero kuva ku musi wa Pentekote, ni ngirakamaro no kw’ishengero ry’uno musi. Ni muri iki igitabu ishengero rikwiye kuronderera inyigisho no guterwa intege mu gikorwa caryo co gushinga intahe mw’isi.

Currently Selected:

Ivyakozwe Intangamarara: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy