Ivyakozwe 1
1
Intangamarara
1Yewe Teyofilo, mu gitabu ca mbere nanditse, navuze ivyo Yesu yakoze n’ivyo yigishije vyose kuva mu ntango y’igikorwa ciwe, 2gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje kwongera kubwira intumwa yari yaratoranije ibizokurikira, ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. 3Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aja ariyereka izo ntumwa, azereka ibemenyetso bigaragaza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana. 4Umusi umwe, ariko asangira na bo, yababwiye ashimitse ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira. 5Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”
6Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: “Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ya ngoma ya Isirayeli?”
7Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke imisi Data yashinze; ivyo biri mu bubasha bwiwe wenyene. 8Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”
9Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.
10Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo. 11Barababaza bati: “Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda.”
Matiyasi asubirira Yuda
12Nuko baca bava kuri uwo Musozi wa Elayono, basubira i Yerusalemu, ni nk’urugendo rwemewe ku musi w’Isabato#1:12 Ni nk’ikilometero 1.. 13Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi, na bo ni aba:
Petero, Yohana, Yakobo, Andereya,
Filipo, Toma,
Baruteremi, Matayo,
Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.
14Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.
15Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abo bene Data (bashika nk’ijana na mirongo ibiri), 16arababwira ati: “Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi. 17Yuda yari umwe muri twebwe, kandi twari dusangiye igikorwa.”
18(Ingero Yuda yahawe kubera ikibi yakoze yaguzwemwo itongo kandi ni ryo yaguyemwo, akoroka atanguje umutwe, inda yiwe irasaba, amara arasanzara. 19Ababa i Yerusalemu bose baramenye iyo nkuru, baca bita iryo tongo Akelodama, bisobanurwa ngo: Itongo ry’amaraso.)
20Petero avuga ati: “Mu gitabu ca Zaburi handitswe ngo:
‘I muhira iwe haze habe umusaka,
ntihagire n’umwe azohaba.’#1:20 Zaburi 69:25
Kandi ngo:
‘Aze asubirizwe mu mabanga yiwe y’uburongozi.’#1:20 Zaburi 109:8
21Ni co gituma dukwiye gutora umwe mu bo twabanye mu gihe cose Umwami Yesu yagendanye natwe, 22uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”
23Nuko baca batanga amazina y’abantu babiri ngo batoremwo umwe. Umwe yari Yosefu bita Barusaba (akongera akitwa Yusito), uwundi yari Matiyasi. 24Nuko barasenga, bavuga bati: “Ewe Mwami Imana, ni wewe uzi imitima y’aba bantu bose. None rero niwerekane uwo utoranije muri aba babiri, 25kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.” 26Nuko bagira ubupfindo, Matiyasi aba ari we atorwa, aca yongerwa kuri bamwe cumi n’umwe.
Currently Selected:
Ivyakozwe 1: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.