1
Ivyakozwe 1:8
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”
Compare
Explore Ivyakozwe 1:8
2
Ivyakozwe 1:7
Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke imisi Data yashinze; ivyo biri mu bubasha bwiwe wenyene.
Explore Ivyakozwe 1:7
3
Ivyakozwe 1:4-5
Umusi umwe, ariko asangira na bo, yababwiye ashimitse ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira. Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”
Explore Ivyakozwe 1:4-5
4
Ivyakozwe 1:3
Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aja ariyereka izo ntumwa, azereka ibemenyetso bigaragaza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.
Explore Ivyakozwe 1:3
5
Ivyakozwe 1:9
Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.
Explore Ivyakozwe 1:9
6
Ivyakozwe 1:10-11
Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo. Barababaza bati: “Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda.”
Explore Ivyakozwe 1:10-11
Home
Bible
Plans
Videos