YouVersion Logo
Search Icon

Tito 3

3
Uk’ Umukristo akwiye kumera
1 # 1 Pet 2:13. Ubibutse kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose, 2#Flp 4:5.no kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose. 3#1 Kor 6:11; Ef 2:2; 5:8.Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana. 4#Tit 2:11; Imig 8:31.Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka, 5#Ef 2:8, 9; 5:26; Yoh 3:5; 2 Tim 1:9.iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera, 6#Yow 2:28.uwo yaducuncuburiyeko kubga Yesu Kristo Umukiza wacu, 7#Rom 3:24.kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duce tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’ukw ivyizigiro vyacu biri. 8Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu. 9#1 Tim 4:7.Ariko, impāri z’ubupfu no kuzirora ivy’ akaronda n’imitongano no guhārīra ivyo mu vyagezwe, wame ubizibukīra, kuko bitagira ikimazi kand’ ar’ ivy’ ubusa. 10#2 Yoh 1:10; Mat 18:15, 16.Ūzana ibice ni wamara kumuhanūra ubga mbere n’ubga kabiri akanka, ntukamwemere, 11#1 Tim 6:4, 5.kuk’ uzi yuk’ ūmeze artyo agoramye kand’ akora ivyaha, yitsindisha.
Amajambo yo guherezako
12 # 2 Tim 4:12. Ni nagutumako Arutema canke Tukiko, uz’ ugire umwete wo kunsanga i Nikopoli; kukw ari ho nagabiye kuzomara urushana. 13#Ivyak 18:24; 1 Kor 3:5, 6.Witwaririke guherekeza no gusezera neza Zena umunyabgenge w’ivyagezwe, na Apolo, kugira ngo ntibaze bagire ico babura. 14#Tit 2:14; Mat 7:19; Ef 4:28, 29.Kand’ abacu na bo ni bige kugumya gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngw abacu ntibabe ibirumbirane.
15Abo turi kumwe bose baragutasha. Untahirize abadukunda dusangiye ukwizera.
Ubuntu bubane namwe mwese.

Currently Selected:

Tito 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in