Tito 2
2
Uk’ Umukristo akwiye kumera
1 #
1 Tim 6:3; 2 Tim 1:13. Ariko weho uvuge ibihwanye na kwa kwigisha kuzima. 2#1 Tim 5:1.Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana. 3#1 Tim 3:11.N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza, 4kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubgenge bgo gukunda abagabo babo n’abana babo, 5#Ef 5:22.no kudahugumba, no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe. 6N’imisore n’uko ubahanūre ntibahugumbe; 7#1 Tim 4:12; 1 Pet 5:3.nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo, 8#1 Pet 2:15.ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga. 9#Ef 6:5; 1 Tim 6:1; 1 Pet 2:18.Hanūra abagurano bagororokere ba shebuja, babahimbare muri vyose, ata guhārīra, 10#Tit 1:3.badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu.
Uk’ ubuntu bg’Imana bgatuzaniye agakiza
11Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza, 12#Ef 1:4; 1 Yoh 2:16.butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none, 13#1 Kor 1:7; Rom 5:2; Flp 3:20.twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza, 14#Gal 1:4; 1 Tim 2:6; Ef 2:10; Zab 130:8; Kuv 19:5; Gus 14:2; Ezk 37:23; 1 Pet 3:13.yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.
15 #
1 Tim 4:12. Wame uvuga ivyo, ubahanūra, ubahana, nk’ūfise ububasha rwose. Ntihakagire ūgukēngēra.
Currently Selected:
Tito 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967