Bible App logo
Search Icon

Filemoni 1

1
Indamukanyo
1 # Ef 3:1. Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, na Timoteyo mwene Data, turakwandikiye Filemoni uwo dukunda, dusangiye igikorwa, 2#Kol 4:17; 2 Tim 2:3.na Apiya mushiki wacu, na Arukipo turwanana, n’ishengero ryo mu nzu yawe: 3#Rom 1:7.ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.
Paulo ashimira Imana urukundo rwa Filemoni n’ukwizera kwiwe
4Nshima Imana yanje ubudasība, nguhoza mu kanwa uko nsenze, 5kuko numvise urukundo rwawe n’ukwizera Umwami Yesu kwawe, ukwo wereka abera bose: 6#Flp 1:9.kugira ng’ ugufataniriza mu kwizera kwawe gushobore vyinshi kubga Kristo, mu kumenyekanisha ivyiza vyose vyo muri twebge. 7#2 Kor 7:4.Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.
Asaba Filemoni kugirira imbabazi umugurano wiwe Onesimo
8Kubg’ ivyo, naho mfise ubushizi bg’amanga bgose muri Kristo bgo kukugerakw ibikwiye, 9mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu. 10#Kol 4:9; Gal 4:19; 1 Kor 4:15.Ndakwitwayeko ku mwana wanje Onesimo#1:10 Onesimo, risobanurwa ngw Ingirakimazi. uwo navyariye mu minyororo yanje, 11atākugirira ikimazi kera, ariko noneh’ atugirira ikimazi twempi. 12Ni we nyene nkurungikiye, ni we mutima wanje. 13#Flp 2:30.Mba ndamugumije kugira ngw ankorere mu gishingo cawe, mboshwe n’iminyororo y’ubutumwa bgiza. 14#2 Kor 9:7; 1 Pet 5:2.Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ ugōberewe, arik’ ugikore ubikunze.
15Kumbure icatumye atandukanywa nawe igihe gito kwar’ ukugira ng’ uz’ umwamane imisi yose: 16#1 Tim 6:2.atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu. 17Nuko namb’ unyiyumvira ko dusangiye igikorwa, umwākīre nk’uko nanje wonyakiriye. 18Arikw asangwa har’ ico yaguhemukiyeko, canke har’ umwenda agufitiye, ubimparūreko. 19#Gal 6:11; 2 Tes 3:17.Ni jewe Paulo nandikishije ukwanje kuboko yuko nzovyishura: reka noye kukubgira yuk’ uri n’umwenda wanje, uwo mwenda ni wewe ubgawe. 20Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.
Amajambo yo guherezako
21Nkwandikiye nizigiye k’uzonyumvira, nzi yuk’ uzokora n’ibiruta ivyo mvuze. 22#Flp 1:25; 2:24.Kandi n’ikindi, untegurire indāro; kuko nizigiye yuko muzompabga kubg’ amasengesho yanyu.
23 # Kol 1:7; 4:12. Epafura, mugenzanje tubohanywe muri Kristo, aragutasha, 24#Kol 4:10, 14.na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.
25Ubuntu bg’Umwami Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen.

Currently Selected:

Filemoni 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in