Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka, iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera, uwo yaducuncuburiyeko kubga Yesu Kristo Umukiza wacu, kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duce tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’ukw ivyizigiro vyacu biri.