1
Tito 2:11-12
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza, butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none
Compare
Explore Tito 2:11-12
2
Tito 2:13-14
twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza, yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.
Explore Tito 2:13-14
3
Tito 2:7-8
nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo, ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.
Explore Tito 2:7-8