YouVersion Logo
Search Icon

Tito 1

1
Indamukanyo
1Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana; 2nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho. 3#Ef 1:9, 10; 1 Tim 1:1, 11.Ariko mu bihe yitoranirije yerekanishije ijambo ryayo ubutumwa najejwe, nk’ukw Imana Umukiza wacu yageze. 4#1 Tim 1:2.Ndakwandikiye Tito, umwana wanje nyakuri kubg’ ukwizera dusangiye. Ubuntu n’amahoro bibe kuri wewe biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu.
Ivyo gushiraho abakuru b’ishengero
5Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye: 6#1 Tim 3:2-4.ar’ umuntu atabonekak’ umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ ibihumbu cank’ ibiganda. 7#1 Kor 4:1; 1 Pet 5:2; 2 Tim 2:24.Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi; 8arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda, 9#Tit 2:1; 1 Tim 1:10; 2 Tim 4:3.agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.
Ivy’ abigisha b’ibinyoma
10Kuko hariho benshi b’ibiganda, cane‐cane n’abo mu bākebge, bavuga ibitagira ikimazi, n’inyosha mbi, 11#2 Tim 3:6; Yoh 10:12; 1 Pet 5:2.bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi. 12Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda. 13#2 Tim 4:2.Iyo ntahe yashinze n’iy’ ukuri. Ni co gituma ukwiye kubahana cane, kugira ngo babe abahangaye mu kwizera, 14#1 Tim 4:7.ntibashire imitima ku migani y’ibinyoma y’Abayuda no ku vyagezwe vy’abantu batera ibitugu ukuri. 15#Mat 15:11; Rom 14:20.Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye. 16#2 Tim 3:5.Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.

Currently Selected:

Tito 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in